IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imirimo kw’ishuri ICB yasubiriye inyuma y’ingingo ya sentare

Imirimo kw’ishuri ICB yasubiriye inyuma y’ingingo ya sentare

vendredi 24 Gitugutu 2014

Ishure y’ubudandaji y’i Bujumbura (ICB) yasubiriye kwugururwa imiryango kuva aho Sentare y’intango ya Rohero iyugariye bisabwe na nyen’urupangu ikoreramwo. Bimwe mu bikoresho nk’intebe vyari vyatwawe n’igipolisi kw’itegeko rya sentare y’intango ya Rohero vyarasubijwe mu mashure.

JPEG - 611.2 ko
Bariko bagerageza gusohora intebe

Inyuma y’indwi ishure ICB ryugawe kwitegeko rya sentare y’intango ya komine Rohero ku bw’ikwirikizwa ry’urubanza inomero RC 18711 rwahuza ishure ICB na nyene amazu rikoreramwo, CIMPAYE Dieudonné. Sentare imaze gufata ingingo yo guhagarika ikwirikizwa ry’urwo rubanza, yategetse ko ishure ryugururwa imirimo igakorwa ukuri kwamye.

Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu, abanyeshure biga kuri ICB baratonze ariko basanze ata ntebe n’imwe iri mw’isomero. Sentare yaciye itegeka igipolisi kuja kuzikura aho zari zashizwe kwa nyene amazu aba muri komine Rohero mu kibanza inomero 12 akabarabara MUGAMBA yitwa CIMPAYE Dieudonné. Abo ntiborohewe kuko basanze hugaye bisabwa ko babanza kumena kugira binjire gutora izo ntebe.

Umuyobozi w’ishure ICB, Bendera Mwanaki arashima ingingo ya sentare. Mwomenya ko abarongozi bo hasi, abajejwe indero muri komine Rohero hamwe n’uwaserukiye sentare ya Rohero bariko bakwirikirana isubizwa mu mashure ry’izo intebe.

JPEG - 56 ko
Mwanaki Bendera arongoye ICB
JPEG - 611.2 ko
Bariko bagerageza gusohora intebe

Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.