IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Joseph Butore arabeshuza abashira amoko mu kibazo c’abanyeshure bo mu (...)

Joseph Butore arabeshuza abashira amoko mu kibazo c’abanyeshure bo mu buvuzi

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Joseph Butore, arahakana ko ikibazo c’ubwoko kitabayeho, mu bijanye n’abanyeshure bashaka kuja kwiga igice ca gatatu c’amashure y’ubuvuzi. Umushikiranganji Joseph Butore amenyesha ko habaye ikibazo c’uburyo, hamwe n’amategeko ya kera ategerezwa gusubirwamwo gushasha.

JPEG - 18.2 ko
Joseph Butore, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi

Inyuma y’aho umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Joseph Butore akuriye inkoni ku gishitsi ba banyeshure bo mu mwaka wa mbere w’igice ca gatatu mu gisata c’ubuvuzi ko bidashoboka ko baja kubandanya amashure yabo mu makungu kubera Reta ifise ingorane y’uburyo buke, haravuzwe ko ahubwo ikibazo c’amoko arico catumye iyo ngingo ifatwa. Amakuru atangwa na bamwe muri abo bamenyeshure avuga ko bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bwo kuja kunonosora amashure mu makungu, ariko basanga abatutsi benshi nibo bagitoye. Harateguwe n’ikindi kibazo, naho nyene biba nk’ubwa mbere. Icashoboye guhinduka mu kibazo ca kabiri, n’uko n’abanyeshure bake b’abahutu batoye ico kibazo, basanze badakomoka mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ari naco gituma hoba haciye hafatwa iyo ngingo yo kutarungika abo banyeshure mu makungu.

Joseph Butore, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi arabeshuza ayo makuru, akamenyesha ko ikibazo c’ubwoko bitigeze kiba intambamyi, ahubwo ko habaye ingorane z’uburyo buke buhari. Yamenyesheje kandi ko bikenewe ko busabikanirizwa uburyo buke buhari n’ibindi bisata bitari ivy’ubuvuzi.

Umushikiranganji Joseph Butore amenyesha ko bikenewe ko n’amategeko agenga izo nyigisho asanzwe ahari kuva mu mwaka w’1990 ko asubirwamwo bisunzwe ibigezweho muri iki kiringo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Emwe. biragoye. muri iki gihugu cacu. gisanzwe gikenye abaganga banononsoye ubuhinga bw’ubuvuzi. Umuntu aravye ibiriko biraba. yokwibaza uti none mu gukoresha ivyo bibazo rimwe , kabiri , ntibabitunganije kugira barabe abarusha abandi . Ico cari ikintu ciza ko babicishije mw’ihiganwa hakaboneka abasumbije abandi . Ariko kunva ngo nta buryo buhari bisa n’ibitumvikana mu gihe tuzi ko haba gutegekanya amafaranga akoreshwa buri mwaka mu gisata cose ca buri bushikiranganJi ari ivyo bita "prévisions budgétaires ". Hoba hakoreshejwe ibibazo "prévision budgétaire yarabaye canke itaraba ? Ingorane ziri mur’ubwo bushiranganji vyibonekeza ko atari zike ,ariko zizotorerwa inyishu ari nuko abagabo canke abashingantahe bazigize vyukuri izabo. no mu kuzivugana n’abo zega ata gahemo no gucengana bigiyemwo . Atari aho ubumenyi buzobandanya butituka .

  • Ayo mategeko ni ayahe?Ni Arusha mu mashule?
    Urateye isoni Butore!
    Genda wigishe abantu kurima,ivy indero ntavyo ushoboye!

  • Jewe ndibaza kw’atakibazo c’amoko kikir’imbare mu Burundi hasigay’ikibazo c’inda yo yimukih’ahor’imitima ikindi tutazi n’ikibazo c’ABAHIMA baguma bagomba kutwivangamwo tutagirizwa bimwe twebw’abatutsi,ingingo zo za KAMINUZA sitwebwe jewe ndavy’ubu zifat’umwana w’umukene gusa wo mubwoko bwose kw’abifise bose bibereye muma prive hamwe tugera tugasha kandi izo ahanini zifatirw’abobahutu nyene kuko mbona nka 80% ar’abahutu nyene ninabo bariko barirwanya ninayo mpamvu tutovuga ngo n’amoko merdi beaucoup.

  • Que ce ministre, ne prenne pas les gens comme des idiots. Si réellement il savait qu’il y avait un pbm de budget , pourquoi organiser des tests. ivyo bintu muriko mukora bizogira ingaruka mbi tôt ou tard, laissez les gens étudier mutarinze kuraba ubwoko na appartenance politique. Ingwara nta bwoko ifita, nta n’umugambwe iraba. ibaze un jour worwara umututsi ntakuvure Kubera uri umuhutu, vyokuryohera?

  • hahahahahah ibi nivyo Karikurubu nama mvuga mukanyita umugwayi, ariko NDASHIMIRA BIMWE BIKOMEYE IGIHE.BI mukuduha inkuru zizewe neza ata macenga mushizemwo. YOU ARE PROFESSIONALS. KEEP IT UP. Abahutu bize INZIGO,URWANKO be no KWICA gusa. ndatangaye kubona harabuze umuhutu yotsinda ico kibazo hahahahaha, ivyo vyateye agashari DD ikohereza abanyeshure baba dd nabone bakiga none mwebwe muzobandanya kwica no guturira amasoko gusa ntimuraba ko mumeze nk’IMPENE YISAMBURIRAKO?????

  • Ndatwenga cane iyo nsoma igihe yiha gutanga amasomo ya demokarasi mu Burundi hagera ku Rwanda bakavuga ivyo Kagame le vrai dictateur avuga. Mbega démocratie igarukira i Burundi gusa?

  • Erega abana babahutu babarungitse gutwara no gusahura muri mini santé,ntibagishaka kuza gukora ibibazo!Abatutsi bazi ko ata ma postes bakibaha barabonye ko urukiza arukwiga!None ikibazo gitora abagikoze,2012 bagisubijemwo kabiri basanga abatutsi ni 11 kuri 14 deux fois,none bashaka tugire gute??!!kireste batanze ibibazo kimwe kubahutu ikindi kubatutsi mugabo nubu abahutu barigukakanwa muri minisanté!Dilemne

  • Wesha KARIKURUBU iyonvugo yawe iransesema gose.mbega wewe watanziki kumana nguvuke urumututsi canke umuhutu cankumutwa,wewe mwayo moko yose mbona ataho ukwiyw kugira icicaro,urabona ukuntu wishima mukwifatira mumwitwe abantu,wewe yaba vyakunda ko nkubona hafi yanye nogukosoye,nkakwereka icitwa indero runtu,ikwiriye umurundi yarezwe.urabona ukuntu ubandanya ukora munkovu abarundi.twasinzikajwe nayamagume mwadutayemwo kuva kera.umenyeko abatutsi ataribobonyene bakwiye kwihariza ibibanza vyubuvuzi nayandi ma posta y,ubuzi butandukanye bwigihugu,kuko vyose birigwa bikamenywa,ntawabivukanye,muvyatumye intambara iba nuko gukumira abandi,mwitwaza ngo basa nabi,ntabwenge bazi,bava hariya nahariya,ngo nibagufi,ukamenga ivyiza vyose vyandikiwe umututsi,ibibi navyo vyandikiwe umuhutu be n,umutwa,sha wewe nabobandi mwandika mukavuga ivyo mutiyunviriye,mukwiye gucibwa impongano na patiri,yogukorera mungoro y,imana imisi yose 365jrs atanumwe uvuyemwo,kugira muje kumurongo,hamwe mutoronka nakaryo nagatoya kokubona iki kimenyeshamakuru IGIHE;kuko muriko muduteza isoni twebwe abakunzi bi IGIHE.murabona ukuntu muri bakwankabiyago.ndabihanije ntimugasubire gushirisoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.