IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Juma Edouard :"Tuzofatira ingingo abigisha batazotonda ku mirimo mu mwaka (...)

Juma Edouard :"Tuzofatira ingingo abigisha batazotonda ku mirimo mu mwaka w’ishuri uza"

jeudi 10 Nyakanga 2015

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi busaba abigisha batabonetse ku mirimo mu gice ca gatatu c’umwaka w’ishuri uheze w’2014-2015,kumenyesha abayobozi babo ko bazobandanya akazi canke bagahagaritse.

Kubwa Juma Edouard umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,mu ntara za Kirundo,Muyinga,Makamba n’igisagara ca Bujumbura,niho hatro abigisha bamwe bamwe bamaze iminsi bataboneka.

Ubishikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,busaba abo bigisha gushika ku mashuri bitarenze igenekerezo rya 14 Nyakanga 2015,kugira bamenyeshe ko bazokora mu mwaka w’ishuri wimirije gutangura.

Ubwo bushikiranganji busaba abayobozi b’amashuri n’abayobozi b’indero mu ntara,ko gushika kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 2015 boba bamaze kumenyesha ubushikiranganji abakozi bazoba bamaze gushika n’abazoba batarashika.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,amenyesha ko ico kiringo kigeze bataraboneka,ubushikiranganji bw’indero buzokorana n’ubwo abakozi ba Reta kugira bafate ingingo.

Mwomenya ko abigisha benshi,bahunze igihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,igihe hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.Benshi muri abo,bahungiye mu gihugu c’Urwanda,Tanzaniya na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.