IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Justin Bieber amakosa yamubanye menshi

Justin Bieber amakosa yamubanye menshi

jeudi 11 Mukakaro 2013

Justin Bieber abandanya kwankwa n’abantu benshi kumvo z’amakosa amaze iminsi akora. Uwo muririmvyi yerekanye ko ata bwoba afise na bukeyi bwo gukora ico ashaka cose aho yatinyutse kwihagarika mu ndobo mu buriro.

Nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru TMZ, uyu musore w’imyaka 19 aramaze gutakaza icizere ku bantu benshi bari bamuziko ibikorwa vy’intashikirwa yokoze muri kazoza kuko yatanguye umuziki akiri umwana mutoyi. Ubu abakunzi b’uwo musore bamufata nk’umuntu yananiranye kuko bazi ko umwanya uwariwo wose, iyo baravye mu bimenyeshamakuru bitandukanye basanga amakuru menshi y’uwo musore avuga ibibi gusa aba yakoze.

Justin Bieber yatanguye umuziki akundwa na benshi kubera uburyo azi kuririmba kandi akaba yari akiri umwana mutoyi.

Ikinyamakuru TMZ cashize ahabona amasanamu yerekana ingene Justin Bieber yihagaritse mu ndobo y’umukozi asukura mu buriro buri mu gisagara ca New York.

Uyu muririmvyi amaze amezi makeyi atandukanye n’umukunzi wiwe Selena Gomez yihagaritse muri iyi ndobo anezerewe cane, yiyemera, biboneka ko ataco bimubwiye kuko yabikoze yitwengera, ataco yinona.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.