IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Nyina wa Justin Bieber arababazwa n’ingeso mbi z’umwana wiwe

Nyina wa Justin Bieber arababazwa n’ingeso mbi z’umwana wiwe

mardi 13 Myandagaro 2013

Justin Bieber umuririmvyi yidogerwa n’imirwi itandukanye y’abantu ku bw’ingeso ziwe mbi. Justin Bieber akaba afise imyaka 19, yavukiye mu gihugu ca Canada. Ni umwanditsi w’indirimbo, akaririmba, ndetse agasubiramwo zimwe mu ndirimbo z’abandi.

Imyidogo ya bamwe n’abandi ku kwitwara nabi kwa Justin Bieber ubu ku geze mu bituntuza umuvyeyi wiwe Pattie Mallette. Nyina avuga ko abizi neza ko umwana wiwe atari umweranda, kandi ko vyinshi yagirizwa ahora avyisomera wenyene mu binyamakuru bitandukanye vyo kw’isi. Nyina akaba avuga ati hamwe abantu batandukanye nka bose baguma bamwidogera ko abatirimutsa, vyogenda gute ngo jeho nsigare inyuma? Avuga ko nawe atirimuka mu bandi.

Abandanya avuga ko atabona ico yokora mu gihe akunda kubazwa ico yokora biva nye n’imyitwarire y’umuhungu wiwe. Umuvyeyi wiwe avuga ko ukwiyahura kugoye, ariko ko azihangana kuko hari aho yumva yosara. Twobibutsa ko Justin Bieber aherutsa kwihandura abantu bariko barahita, ikindi gihe naho araheba arazita, mu gihe abantu aribo bahevye baramusaba kuduza agashambara ngo afuke umubiri wiwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.