IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi : Abanyeshure barindiriye isango batahawe

Kaminuza y’Uburundi : Abanyeshure barindiriye isango batahawe

mardi 9 Ruhuhuma 2016, par egide

Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi basabwe kwihangana mu bijanye n’agafashanyo (Bourse) bahora baronswa na Reta y’Uburundi. Abo banyeshure babwiwe ko ako gafashanyo nikaboneka bazobimenyeshwa.

Mu gihe abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bahora baronswa ako gafashanyo mu ntango z’ukwezi, imbere y’igenekerezo rya munani, baheruka kuronswa urwandiko rubasaba kwihangana bakarindira, kuko Reta iri mu bibazo vy’ubukene.

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bakamenyesha ko bitangaje kwumva ko ingaruka z’ubukene bwa Reta zotangura kwibonekeza ku banyeshure basanzwe ata yandi mikoro bari bafise.
Nk’uko bivugwa n’abo banyeshure, urwandiko rwasohowe n’uwurongoye ibigo vya kaminuza rubasaba kurindira badahawe isango, rwatumye batakaza icizere, bakavuga ko batabona ingene bagiye kubaho mu kurindira ko ako gafashanyo bakaronswa.

Ukwo kuba batarahabwa agafashanyo bije bikurikira ingingo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi baheruka gufatitwa kuva kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma, yo kudasubira guhabwa icayi co mu gatondo.
Mu buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi (Régie des Oeuvres Universitaires) basiguye ko iyo ngingo y’ugukuraho icayi co mu gatondo yatewe n’iduga ry’ibiciro vy’imfungurwa kw’isoko, bakavuga ko batoshobora kugabura gatatu ku munsi, ari naco gituma bakuyeho ico cayi kugira abanyeshure bashobore kugaburirwa neza imfungurwa z’isaha zitandatu n’izo mw’ijoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.