IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi : Abanyeshure barahagaritswe ku mvo z’amatohoza

Kaminuza y’Uburundi : Abanyeshure barahagaritswe ku mvo z’amatohoza

lundi 15 Mukakaro 2013

Icuka ntikiraba ciza hagati y’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, ivyo bikaba biri uko mu gihe haheze iminsi ine gusa habaye akajagari mu bigo vya kaminuza, aho abanyeshure bariko basaba ko boronswa agafashanyo k’amezi abiri baheraniwe (ukwa gatanu n’ukwa gatandatu)

Abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri bari muri yegereyegere haheze iminsi ine bamenyesha ko umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi atashoboye gushitsa ivyo yari yemeye kuko yari yababwiye ko agafashanyo bahora baronswa kazobashikira igenekerezo rya 8 Mukakaro. Bamenyesha ko barindiriye amaso ahera mu nzira.

Abo banyeshure baratwawe n’agashavu, nikwo kuja kwugariza aho umuyobozi akorera. Abajejwe umutekano nibo babashwiragije bakoresheje ivyuka bikoroza amasozi. Kuva uwo munsi abanyeshure batekewe n’ubwoba, bakaba bavuga ko hari n’abariko baratabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Gaston Hakiza akaba amenyesha ko ako kajagari kahungabanije umutekano mu bigo vya Kaminuza, akemeza ko hari abanyeshure bafashwe kugira bakorweko amatohoza.

Ababikurikiranira hafi bakaba basaba ko ubuyobozi bwa Kaminuza bwoza buratunganya ku mwanya ibijanye n’itangwa ry’ayo mafaranga mu gihe babonye ko iyo abanyeshure bayabuze bitera akajagari.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.