IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Plata Platini > Inkuru > King Plata Platini yitandukanije n’abandi baririmvyi mu nteguro (...)

King Plata Platini yitandukanije n’abandi baririmvyi mu nteguro y’igiteramo

mercredi 19 Munyonyo 2014

Igiteramo c’umuririmvyi Platini kiregereje, uwo muririmvyi amenyesha ko afise ico azokwerekana nk’umuririmvyi afise urukoba yisangije. Indirimbo nshasa zateguriwe igiteramo zizoshigwa ahabona.

Umuririmvyi w’umunyamwema King Plata Platini arara ntibuca kugira igiteramo co kurangiza umwaka w’ 2014 kizoshike ku nyota y’abakunzi biwe. Bimwe bizoba biri mu giteramo ni udupapuro tuzohabwa abazoba baraho, tuzoba twanditse ko insiguro y’ubunyamwema hamwe n’indirimbo 3 nshasha zizovuzwa kuri uwo munsi.

Muri ico giteramo harimwo igitangaza kimwe. Ni mboneka rimwe aho umuririmvyi ategura igiteramo ari ntarihishe kwinjira, Plata Platini wewe avuga ko uwuzoshaka k’umufata mu mugongo azogura CD y’indirimbo ziwe, nayo izogurwa amafaranga 5000 y’amarundi.

Muri ico giteramo, King Plata ntazotamba yirorera, azoba ashigikiwe na: Sal-g, J fire, Gaga Blue, Miss Nono, Magic Soldier, Ellys boy, umurwi ?-G, Small Dog, n’abandi benshi.

Isango ni kw’igenekerezo rya 14 Kigarama muri "Musee Vivant", ibikurikira bisome k’urupapuro ntangazagiteramo aha munsi, nta mahera yo kwinjira arimwo. Ni ku buntu

Umviriza ururirimbo "Tunabanana" rwa King Plata Platini


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.