IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Plata Platini > Inkuru > Umuririmvyi King Plata agiye kuja i Bruxelles mu rugendo rudasanzwe

Umuririmvyi King Plata agiye kuja i Bruxelles mu rugendo rudasanzwe

jeudi 27 Munyonyo 2014

Umuririmvyi Plata Platini yunguruje igenekerezo ry’igiteramo ciwe bitumwe n’urugendo rudasanzwe ruzomushikana mu gihugu c’Uburigi. Intumbero y’urugendo gushira umukono ku masezerano yo kubandanya umugambi w’ibikorwa vy’umuziki n’ivyese.

Plata Platini yatumweko n’mubirigi Roland Mauden arongoye umurwi w’ivyese Theatre de Poche Wallonie Bruxelles ufise icicaro i Kinshasa muri Congo. Nahimana Plata nk’uko yabonetse mw’isabukuru "Buja Sans Tabou" mu cese ca "Travaux d’Ariane", azofata urugendo rumushikana i Bruxelles mu Bubirigi gushira umukono ku masazerano yo kubandanya yerekana hirya no hino icese "Les Travaux d’Ariane". Azofata indege kw’igenekerezo rya 05 Kigarama gushika kuri 15 uko kwezi nyene.

Inyuma y’amasezerano, King Plata azoheza afate ingendo zitari nke k’umugabane wa Buraya mu bisagara vya Bruxelles, na Paris aho azoshinga intahe y’ihohoterwa rigirirwa abanyamwema. Nk’uko Plata abitumenyesha, azotangura kuzunguruka muri ivyo bisagara mu ntango z’umwaka w’i 2015.

Kubera iyo mpamvu, igiteramo cobaye kw’igenekerezo rya 14 Kigarama cungururijwe kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo, ikibanza nticahindutse ni kuri "Musee Vivant".

Amwe mu mafoto yashwe Plata ariko akina "Les Travaux d’Ariane"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndipfuza Kugera Kure No Gushits Ico Niyemej Mukugwanir Agatek K Abanyamwema Biciy Mumuziki. Ukab Ushoboy Kump Umugambi Cnk Iciyumvir, Ndiho Kand Nzokor Kuk Sindiho Kubwo Gushak Inyungu Ahubwo Ndiho Kubw Kugwanir Agatek Kanje.

  • umva sha plata wirinde amasezerano cane n’abisi .ikindi naco ukund imana imbere yavyos .kuko niho uzoronka umugisha utarimwo inges n’inyenzi.kandi nkuko wabivuze ntukoreshwe ninyungu nagato koreshwa nivyiyumviro vyogufasha.merci bcp k mn Dieu t’bns

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.