IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ligue ITEKA : Harakwiye ingingo zikomeye ku bakora ivyaha ntibafatwe

Ligue ITEKA : Harakwiye ingingo zikomeye ku bakora ivyaha ntibafatwe

dimanche 3 Munyonyo 2013

Harasohotse icegeranyo c’ivyaranguwe n’ishirahamwe League Iteka kuva mu kwezi kwa Mukakaro gushika mu kwezi kwa Nyakanga. Murico havurwa ko abantu 9 bishwe , 6 barakomereka, 3 nabo basinzikarizwa ubuzima mu gisagara ca Bujumbura. Ingorane ihari nuko akaba ari uko ababikora benshi batamenyekana

Mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu, Ligue Iteka, ku wa gatandatu igenekerezo rya 2 munyonyo 2013, barashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe kuva mu kwezi kw’indwi gushika mu kwezi ku munani. Ernest Nkurunziza asanzwe arongoye igisata co gukurikirana abagira ingorane zijanye n’agateka ka zinamuntu mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko abantu 9 bishwe, 6 barakomereka, 3 nabo barasinzikarizwa ubuzima mu gisagara ca Bujumbura gusa.

Muri abo bagize ingorane yaba abishwe, abakomeretse, abakubaguwe ibirwanisho vyakoreshejwe ayo mabi yose ahanini ni inkoho hamwe n’amagerenade. Ernest Nkurunziza amenyesha kandi ko ikibabaje muri vyose ari uko igitigiri c’abakorerwa ayo mabi ari kinini cane kurusha abafatwa. Ivyo rero bikaca vyerekana ko abafatwa ari bake ku bakora ayo mabi. Abatamenyekana nibo benshi kuruta. Ku bwiwe abantu baca biyumvira ko impamvu abo bantu batamenyekana nuko hoba hari ugukingiranira ikibaba gukomeye. Kuri ivyo, Ernest Nkurunziza avuga ko hakwiye gufatwa ingingo zikomeye.

Muri iryo shirahamwe nyene Ligue Iteka bavuga ko hari ihonyangwa cane ry’ibwirizwa shingiro ryavuye mu biganiro mu kugomba kurihindura bidasubiye guca mu biganiro hagati yabo vyega bose ivyiza nuko hoba ibiganiro hagati y’abanyepolitike hamwe n’abadaharanira ivyicaro vya politike. Muri iryo shirahamwe nyene bavuga ko ku bintu bimwe bitagenda neza hariho irekurwa ry’abakoze ivyaha ndengerabutungane, abana bahitira gatatu bakaza kuburabuzwa hageze ko baheza amashure yabo, kubuza gushikiriza ivyiyumviro vyabo bitaba bishimisha inzego za leta, ukutihanganirana kuri hagati ya bamwe mu banyamigambwe, ubutungane butigenga, ubusuma no gukoresha nabi amfaranga ya leta no mu mashirahamwe leta ifisemwo imitahe, abafungirwa mu bitaro kuko bataronse. N’ibindi n’ibindi.


Karire Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.