IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mabayi : Abanyeshure 33 nibo bamaze gutwara inda kuva umwaka w’ishure (...)

Mabayi : Abanyeshure 33 nibo bamaze gutwara inda kuva umwaka w’ishure utanguye

mardi 4 Ntwarante 2014

Abanyeshure 33 bo mu mashure yisumbuye nibo bamaze gutwara inda z’indaro muri komine Mabayi, intara ya Cibitoke, kuva umwaka w’ishure turimwo utanguye. Abarezi n’abavyeyi basaba ko abatwara mu bushurashuzi abo bana bohanwa, kuko n’abafashwe baca barekurwa n’inyamiramabi zo muri komine Mabayi.

Igisata c’indero mu ntara ya Cibitoke kirabangamiwe n’igitigiri c’abanyeshure batwara inda z’ishushu kiguma congerekana. Muri uwu mwaka w’ishure turimwo, abanyeshure 33 nibo bamaze gutwara inda z’ibitwarire. Abagirizwa kuhumvya abo bana akaba ari abagendesha imiduga (Chaffeurs), abagendesha amapikipiki, abimba ubutare, hamwe na bamwe mu banyeshure bagenzi b’abo banyeshure batwara inda. Ikibabaza abarezi n’abavyeyi muri komine Mabayi, n’uko n’abafashwe bagirizwa ico caha batamara kabiri mu munyororo, inyamiramabi zo muri komine Mabayi zigashira imbere ukwumvikanisha imiryango, rimwe na rimwe zabanje gupfumbatishwa. Abavyeyi baranegura iyo ngendo, bagasaba ko izo nyamiramabi zidashaka guhana ivyaha ko zokurwa muri iyo komine kandi zikagirwako amatohoza.

Mu nama y’umutekano iheruka kuba, buramatari w’intara ya Cibitoke, Anselme Nsabimana yasavye uwurongoye sentare nkuru ya Cibitoke gufata mu minwe ico kibazo c’inyamiramabi zirekura abagirizwa gushurashuza abanyeshure.

Mwomenya ko mu mu mwaka w’ishure uheze, mu ntara ya Cibitoke, abanyeshure 100 aribo bahagaritse amashure kubera inda z’ishushu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.