IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Menya uko ushobora gutora uwo ushaka muri Primusic, umenye n’ico (...)

Menya uko ushobora gutora uwo ushaka muri Primusic, umenye n’ico umuhaye

mercredi 6 Myandagaro 2014

Abaririmvyi 12 batowe kuzohiganwa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma batanguye kurondera amajwi ku bakunzi babo canke uwo wese ashaka gutanga ijwi ryiwe kuwo ashaka. Umuririmvyi wese afise inomero atorwako. Amahera ari hagati y’ibihumbi amajana abiri gushika ku miriyoni mirongo ibiri azotangwa kuri abo 12.

Mu gutanga ijwi ryawe ku muririmvyi wipfuza ko atera imbere akanashobora gutsindira imiriyoni canke ayandi mahera azotangwa n’ishirahamwe Brarudi, wandika PRIMUS-inomero y’umuririmvyi uheze urungike ubwo butumwa ku nomero 155 ku mihora ya leo, africel na Econet. Abari mu makungu baca ku murongo ntangazamakuru wa Primusic ari wo www.primusic.bi, ibisigaye abajejwe kwakira ubutumwa kuri uwo murongo baca bakubwira uko ubigira.

Abariko bahiganwa ni aba bakwirikira:

1) AKITERETSE Edouin Trend yatowe i Ngozi , No 7,

2) Joe Christian a.k.a Kiki Toure / Bujumbura mairie , No 2,

3) KAZE Sosthene / Ngozi , No 5,

4) NTAGANZWA Olga Lorie / Kirundo , No 1,

5) NSHIMIRIMANA Methode / Bujumbura -mairie , No 8,

6) MUGISHA Jean Junior / Gitega , No 4,

7) MUJIMBERE Gabriel / Bubanza , No 6,

8) Aletta IRANDAGIYE /Bubanza , No 9,

9) Moise BUTOYI / Bujumbura-rural , No 11,

10) Levy NSHIMIRIMANA / Mwaro , No 3,

11) Amissi Jean (El Pedro) / Bujumbura-mairie , No 12,

12) NINTERETSE Christian / Bujumbura- mairie , No 10.

Ihiganwa Primusic umwaka w’2014 rizotanga ubushimwe uku gukwirikira :

1) 20.000.000,

2) 5.000.000,

3) 2.000.000,

4) 1.500.000,

5) 1.000.000,

6) 500.000

7 gushika kuri 12 bazoronswa ibahasha y’ibihumbi 200.000, ayo mahera yose azotangwa aharurwa mu marundi.

Tubibutse ko igice ca kabiri c’amahiganwa kizobera mu ntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, igice ca nyuma ni igenekerezo rya 31 Myandagaro mu gisagara ca Bujumbura.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • entre Aletta IRANDAGIYE et Levy NSHIMIRIMANA qui occupe la 9 eme place? Je pense qu’il y a eu une megarde au au niveau de la redaction parce que les deux occupent le meme numero alors qu’on devrait avoir le contraire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.