IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Umuhinga mpuzamakungu mu muziki azotanga inyigisho ku baririmvyi (...)

Umuhinga mpuzamakungu mu muziki azotanga inyigisho ku baririmvyi yamenyekanye

samedi 9 Myandagaro 2014

Abarongoye ihiganwa rya Primusic ryateguwe n’ishirahamwe Brarudi baranze ikiganiro aho berekana abaririmvyi 12 bazohiganwa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Barerekanye kandi n’umuhinga mpuzamakungu agiye kubafasha kwitegurira ico gice. Eka n’umuririmvyi mvamakungu azoshigikira ivyo birori yaramenyekanye.

JPEG - 170.1 ko
MERCY MUTHUI. Photo ’Afrifame’

Nk’uko vyama bigenda no mu myaka yaheze, abaririmvyi bashoboye gushika mu gice ca kabiri gihira ica nyuma muri Primusic barahabwa inyigisho zijanye n’uko batuganya amajwi no kuyarongora, kuvuza ibicurarangisho, kwandika indirimbo n’inyifato umuririmvyi wogira ari ku ruhimbi n’ibindi. Mu kiganiro categuwe n’abarongoye Primusic umwaka w’2014, baciye bamenyesha ko umuhinga MERCY MUTHUI avuka mu gihugu ca Kenya aje gufasha abo baririmvyi. Mu mwaka uheze, izo nyigisho zatanzwe na DENISE Gordon umuhinga aturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uwo muhinga rero agiye kumarana n’abaririmvyi iminsi yose isigaye abaha inyigisho zijanye n’umuziki mu buhinga bwose afise. Muri ico kiganiro nyene, vyamenyekanye ko umuririmvyi Jose Chameleone ariwe mutumire mpuzamakungu azoza gufashanya n’abaririmvyi b’Abarundi baserukira Primusic. Itorwa ryiwe n’uko yashoboye kuyaga agahuza n’abategura ihiganwa. Mu mwaka w’2013, bari batumiye umuririmvyi Jaguar.

Tubibutse ko abaririmvyi batowe bari mu kiganiro kiretse abatashoboye kuhashika, umwe wese afise inomero abashatse kumuha amajwi bacishako biciye kuri za ngendanwa bakandika ijambo "primus" bagasiga akanya hanyuma bakandika inomero y’umuririmvyi bahisemwo, ubutumwa bucishwa ku miringo ya Leo, Econet na Tempo Africel, canke bagaca ku murongo ngurukanabumenyi www.primusic.bi

Amazina n’inomero z’abo baririmvyi :

1. Olga Lorie - Kirundo

2. Kiki Toure - Bujumbura - Mairie

3. Levis - Mwaro

4. Jean Junior - Gitega

5. Sosthene - Ngozi

6. Mujimbere Gabriel

7. Eduin Trond - Ngozi

8. Methode - Bujumbura - Mairie

9. Aletta - Bubanza

10.12) NINTERETSE Christian / Bujumbura- mairie

11. Moise - Bujumbura -rural

12. El Pedro - Bujumbura - Mairie

Kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 16 Myandagaro, mu ntara ya Gitega kuva isaha indwi (13h00) z’umurango, abaririmvyi 12 bazotorwamwo 6 bazobandanya mu gice ca nyuma c’ihiganwa.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.