IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mutumba : Abana b’abatwa bafise ingorane nyinshi zibatuma bata (...)

Mutumba : Abana b’abatwa bafise ingorane nyinshi zibatuma bata amashure

jeudi 11 Nyakanga 2014

Mu gihe himirije gutangura amashure, ibibazo mu mashure bibandanya vyibonekeza.
Mu ntara ya Karuzi muri komine Mutumba, abana b’abatwa mu mwaka uheze ntivyagenze neza, bamwe barahevye amashure n’abasigaye biga ntivyoroshe, kuko ntibarangura icabazanye
.

Amakuru dukura ngaho muri komine Mutumba atumenyesha ko abana b’abatwa bababereye akayobera bahinga mu kugorana mw’ishure. Umwigisha abahaye imyimenyerezo kumwe n’abandi banyeshure ntibemere kuyikora, n’ukubahana ntashobore n’ukubahana, kuko batavyemera. Niyo babatumye abavyeyi ntibemera, bazanwa n’imboneza z’abatwa bamaze gutahura uwo mugambi wo kwiga.

Tubajije abarongoye ishirahamwe ry’abatwa "UNIPROBA", bavuga ko abo bana bahura n’ingorane nyishi y’ukuntu babaho nk’inzara, aho benshi usanga barya rimwe ku musi, benshi muribo bakaba bafise amatongo matomato. N’aho Reta y’Uburundi yari yagerageje kubaronsa ayo matongo, bavuga ko adakwiye, nabo nyene ugasanga ntibaramenya ingene batunganya uburimyi kugira bashobore kwimbura bikwiye, hari n’ikibazo c’amazu bubaka, aho usanga inzu bubatse ari gatoya, ahandi ugasanga abana baryama hamwe n’abavyeyi.

Naho bimeze uko, iryo shirahamwe ry’abasangwabutaka bakunze kwita abatwa, baragerageza guhimiriza abo batwa kugira bige, kuko ariyo ntango y’iterambere ryabo, bagashiraho n’imboneza mu mitumba yose, kugira bakwirikirane abo bana mu mashure, bakamenya n’ingorane bahura nazo.


Anitha Bizimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.