IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > N’aho umuti utaraboneka, bahamagarira bagenzi babo gusubira kw’ishure

N’aho umuti utaraboneka, bahamagarira bagenzi babo gusubira kw’ishure

mercredi 4 Nyakanga 2013

Abanyeshure bo mu mwaka wa mbere n’uwa kabiri muri kaminuza y’Uburundi bari muri yegereyegere gushika uno munsi bahamagariye bagenzi babo gusubira mu mashure, inyuma y’aho umurwi wo mu biro vy’umuhuza wari washinzwe kwiga ikibazo cabo utangarije ku munsi w’ejo ko ikibazo cabo banyeshure kibananiye.

Ku munsi w’ejo igenekerezo rya 3 Nyakanga, umurwi wari washinzwe gukurikirana ikibazo c’abo banyeshure bo mu myaka ya mbere n’iya kabiri muri kaminuza y’Uburundi bari muri yegereyegere basaba agafashanyo kabo hamwe n’uko bagenzi babo birukanywe bogaruka mu bigo vya kaminuza. Ku munsi w’ejo, uwo murwi wamenyesheje ko uhagaritse ibiganiro. Mu gihe uwo murwi wari ujejwe guhuza impande zibiri (urw’ubushikiranganji bujejwe inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi hamwe n’urw’abanyeshure) wamenyesheje ko badashobora gukoresha ibiganiro uruhande rumwe kuko urundi rwanse.

Nk’uko bamwe muri abo banyeshure baganiriye na IGIHE babimenyesheje, impamvu uwo murwi wahagaritse n’uko babonye ko bigoye guhuza impande zibiri hariho urutitaba. Kubw’abo banyeshure babona ko ico kibazo cabo coba kirimwo izindi mvo zituma kiguma kidindira kuko umuhuza mu ngingo ya 13 igenga amategeko y’umuhuza ivuga ko "Umutegetsi uwariwe wese ategerezwa kworohereza ibikorwa vy’umuhuza, mu kwitaba igihe atumweko. Iyindi ngingo ya 16 kandi ivuga ko mu gihe bishitse ntibavyubahirize naho, umuhuza ashobora kwandikira urwego rw’inama nshingamateka, nkenguzamateka canke umukuru w’igihugu.

Abo banyeshure rero bakaba batangajwe cane n’iyo ngingo yo guhagarika ibiganiro. Nk’uko uwuserukira abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri mu gisata c’ibiharuro, Epitas Ndayambaje yabimenyesheje, ni nayo mpamvu bashimye gutumako abanyeshure bose baze mu mashure kugira babonereho n’akaryo ko gukurikirana ikibazo cabo, bongere bafate ingingo zibereye, zaba izo kubandanya yegereyegere canke izo gusubira gukurikirana ivyigwa.

Mwokwibuka ko abo banyehure basaba kuronswa agafashanyo k’ukwezi kwa 6 n’ak’ukwezi kw’umunani, aho baherejwe amafranga 9000 kuko bakuyemwo imisi 15 bamaze bari muri yegereyegere, bagasaba kandi ko bagenzi babo birukanywe bosubizwa mw’ishure. Bavuga bati : Ntitwanse ko bahana abakoze amakosa, ariko n’uko icibonekeje ata matohoza yabaye mu kugira bahane bagenzi bacu. Barangiza bamenyesha kandi ko vyanse burundu bagiye kuzokwitura ikigo CNDIH ( Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.