IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > N’ubu bagarutse imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

N’ubu bagarutse imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

lundi 5 Myandagaro 2013

Abanyeshure bo mu myaka y’akabiri bo muri kaminuza y’Uburundi, bari imbere y’ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi Mohamedi Rukara, kuva mu gatondo ko kuri uyu wambere igenekerezo rya 5 Rusama uyu mwaka.

Nk’uko twashoboye kuvyibonera, abo banyeshure bariko baraza umwe umwe kandi bariko bararwira. Aba babonye, bavuga ko aba mbere boba bahashitse nk’igihe c’isaha imwe yo mu gatondo . Muri iki igihe, abo banyeshure basubiye muri iyo yegereyegere mu gihe iminsi bari birukanywe yari yaheze, igihe co gusubira gutangura ivyirwa cari iki nyene. Ikindi naco ni ukwo abo banyeshure bavuga ko ibiganiro vyari vyatanguye hagati y’abo n’ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bitari bwahere, ariko hagaca hafatwa ingingo zo kwirukana bamwe mu bari muri ivyo biganiro.

Abo banyeshure bakaba bagandagaje imbere y’ibiro vy’umuhuza mu kurindira ko ashobora kubakira kugira ikibazo cabo gitorerwe umuti, ntihagire abazira ubusa. Ivyo babivuga mu gihe bemeza ko abirukanywe bazize ubusa, atakuntu uwitwariwe (ubuserukizi bwa kaminuza) bofata ingingo yo guhana abitwaye (abanyeshure).


Aristide Nizigire

Messages

  • none hari utazi ko atawokorana inzara munda ga yemwe! ehe namwe bavuze ko batanze bourse y’ukw7 baha bamwe bima abandi, utagendera iyo kaminuza ntiyotegera ibihakorerwa kuko birasiga umutwe. akarorero umwe mubategetsi bayo yaravuze ko arya banyeshure bo muri BAC 2 batubaha, ariko abanumye bo bihereraho, none barya bahejeje muri ISCO Bari muma Stage ko Batararonka Bourse Boba batacitwa abanyeshure ba kaminuza y’ Uburundi? niba barahejeje nibabahe impamyabushobozi bitahire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.