IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Nyamabere : Abigisha 2 bagirizwa guhindura amanota y’abanyeshure

Nyamabere : Abigisha 2 bagirizwa guhindura amanota y’abanyeshure

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Nk’uko bimenyeshwa na Donatien Muryango umuyobozi w’amashure yisumbuye mu karere k’Uburengero abivyga, abanyeshure bo kw’ishure nshingiro ya Nyamabere bamaze iminsi batiga neza, bivanye n’abigisha batatu bagirijwe kuba bahindura amanota y’abanyeshure kugira bafashe kumenya abayobewe.

Uyo muyobozi avuga ko uwagirizwa ubwa mbere ari uwusanzwe arongoye ishure ryisumbuye rya Nyamaboko. Inyuma yaho, abigisha babiri bagirijwe ibijanye n’uguhindura amanota y’abanyeshure, baraburabujwe ndetse barata barahunga. Abo bigisha bose rero, bakaba bigisha mu mwaka w’indwi w’ishure nshingiro umwe akigisha icigwa c’indimi mu gihe uwundi nawe akaba yigisha icigwa c’ibiharuro.

Ku bwa Muravyo rero, abo bigisha uko ari babiri bari basanzwe batigenza neza kuko bari bamaze ndetse n’ukugabishwa n’ababarongora. Avuga ko ibintu bimaze gushika ngaho, abanyeshure aribo bagwa mu mporero kuko aribo usanga bishitse ivyigwa ntibibe. Amenyesha ko bagiye gukora ibishoboka, kugira basubize ibintu mu buryo, nayo uzagirwa n’amakosa akaba azohanwa hakurikijwe amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.