IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba : Ivyegeranyo ku Burundi bisohorwa n’abadashaka iterambere (...)

Nzobonariba : Ivyegeranyo ku Burundi bisohorwa n’abadashaka iterambere n’amahoro

vendredi 7 Ntwarante 2014

Inzandiko n’ivyegeranyo bisohoka bivuga ibitagenda neza mu Burundi Reta ibifata nk’umukenyuro wo gusamaza abanyagihugu n’uguhenda amakungu kugira abakurikirana ibibera mu Burundi babone ko vyoba biriko biracika mu Burundi. Kubwa Reta y’Uburundi, ibishikirizwa nta kuri kurimwo, na cane cane ko vyama bivugwa igihugu cegereje imyanya ikomeye, nk’amatora yo mu mwaka w’2015 yimirije.

Mu kiganiro yahaye abayeshamakuru, Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Reta y’Uburundi yagereranije ibiriko biravugwa ubu n’ivyavuzwe mu mwaka w’2010. Mu mwaka w’2010, amatora asigaje umwaka umwe, ishirahamwe International Crisis Group ryarasohoye icegeranyo ku Burundi, rimenyesha amakenga ryari rifise ku bushobozi n’ubumenyi bw’inzego z’umutekano mu gucungera amatora. Muri uwo mwaka nyene, irindi shirahamwe mpuzamakungu Human Right Watch ryamenyesheje naryo nyene amakenga ku kuntu ryabona abajejwe umutekano n’ubutungane ataco bariko barakora kugira barwanye ubugizi bwa nabi bufatiye ku matora. Kuri ivyo biriko biravugwa ko umutekano ushobora guhungabana, Firipo Nzobonariba amenyesha bifise intumbero yo gusamaza abanyagihugu, hamwe n’uguteranya Reta ku basanzwe bayifasha. Nzobonariba ati : “Reta y’Uburundi ikaba yibaza icoba gituma ayo mashirahamwe asanzwe afise igihagararo mu makungu yiyemeje kuburabuza igihugu, akama yambitse ibara ubutegetsi, ashikiriza ibinyoma cane cane iyo hageze canke himirije ibihe bihambaye.”

JPEG - 66.7 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

N’aho muri tangazo Firipo Nzobonariba ataco yashikirije ku banyeporitike batavuga rumwe na Reta batemererwa gutunganya amanama, hamwe n’imigambwe ivuga ko iriko icanishwamwo n’ubutegetsi, we avuga ahubwo ko Reta idahengeshanya gutera akamo ko kwitegurira amatora hakiri kare. “Ku migambwe, Reta iyisaba gukomeza kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, kuko igihe kiriko kirabajana. Ku bijanye n’ingorane zibonekeza canke zishobora kwaduka, Reta ibasaba kuzicarira bakazitorera inyishu bonyene bisunze amategeko.”

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba yirengagije ibikorwa vy’ihungabana ry’umutekano rimwe na rimwe vyagirizwa imbonerakure za CNDD FDD, ariko amenyesha ko muri vyose na hose abandika ivyegeranyo ku bitagenda neza mu Burundi ari abatipfuza ko Uburundi butera intambwe mu nzira y’amahoro, hamwe n’amashirahamwe ahenda amakungu ko ataho yegamiye muvya poritike.

Mu gihe Reta y’Uburundi ifata ivyo bishikirizwa nk’ugushikuza n’ukurenza urugero, Firipo Nzobonariba, muri iryo tangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatanu, yasavye amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abasanzwe bakurikiranira hafi ibibera mu Burundi ko bokwitohoreza inkuru bashikirizwa, bikenewe bakishikira ku rubuga kugira bibonere namba ibivugwa kwoba ari ukuri, canke ibinyoma bifise izindi ntumbero. Reta y’Uburundi yasavye kandi amakungu gukurikiranira hafi amatora yimirije mu mwaka 2015, kuva mw’itegurwa, mu matora nyenizina, hamwe n’inyuma y’amatora, kugira ntihagire abazosubira kuvuga ko yibwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ariko murabona uburundi bwacu buriko buja buganahe tugifise abantunkaba batavugukuri abarundi nibo bavugabati ubugabo sijuju mwarahinyuwe ivyanyu birazwi ntamvuridahita

  • Amashirahamwe mpuza makungu ashikiriza ivyabona mukora umuntu afuye yishwe ugomba bavuge gute ? Mutwara nabi none bavuge gute ? CNDD musize inkurumbimu Burundi no mumakungu nimugende pu

  • Vous avez bien accompli la mission du diable tout en faisant croire àla population que vous etes des chrétiens ,que le numméro1 avec son épouse sont des pasteurs mais tout le monde le sait qu’ils ont déviés et vous avez changé votre devise <<dusenga satani twica,twica dusenga satani>>

  • Ewe Nzobonariba waraduhindutse nk’inzoka yo mu nda!Urazi ukivuga ngo nturenganywe,ba mpemukendamuke ko wamengo uvuga ukuri?None usigaye uri mpemukendamuke wewe nyene!!Ariko ibibera mu Burundi ko tubibamwo tubizi utubeshe nyene?Ivyo bavuga 2010 bisunga indege zitaguruka mwari mwaraguze hamwe n’ibindi ntavuze ,ubu naho n’umwana ataramenya kuvuga ariko abona ,ntavyo ayobewe ko mwarengeje urugero!!!Usigaye urimpemukendamuke!Urapfuma utubwira uti kirya gihe karakarimi nari nshonje narondera ivyonirira nayo ukuri urabaza umwana aconka uti utinya iki?Azokubwira ko atinya imbonerakura ko zimwica kandi arazi ko zidahanwa!!

  • uyu muntu ateye isoni kubona aserukira leta mu makungu

  • None ko ubunyonyezi, ubwicanyi, irementanya, inyuruzwa ry’abantu, ukujurajuza abantu, ugufata abantu ku nguvu, ugukungira abayobozi bategura igandagurwa ryabo bashinzwe kurera, none mu mabwirirwa y’Imana mwumva hasigaye iki? Sinzi rero ko abavuga be n’ivyo bintu ko aribo babeshi. None ivyo nivyo bemereye abarundi, niko kurwanya igiturire no guharanira iterambere? Ewe Burundi we!

  • le porte parle du diable

  • yemwe Barundi murimugihu c’uburundi canke muba mumakungu dukuyemwo aba DD, nimureme:kuko ukubiri siko vyahoze biri kandi siko bizohora biri. Namwe ba DD namwe mbonerakure mwice mureke, ibikogwa vyanyu bigayitse vyagjahomera bumnwa mumeny ko imperanimperuka muzotinda mukatuva kugakanu magakubwitwa intahe mugahanga. Sinzi ko munzoronka ahomunyikira.Nawe muvugizi wareta nawe ivyobinyoma vyanyu harumusi muzobibazwa.

  • Je ndabaza: none gutukana ko mbona Arivyo benshi banditse nivyo bitsinda canke hatsinda ibikorwa vyiza. Amakungu ko atariyo atora amatora nayo akaba Aribo bayazanye munyumvira bazohava bayabuza bo nyene? Ahubwo egera bene ubutegetsi c àd abanyagihugu! Ahasigaye muzosanga abo banyamahanga harimwo n’ugutinya ubutegetsi bushaka gutera imbere butabasavye baca baronka ababakamira Mu coze atakenge kanagiyemwo. Aho mwihangane ngo baradukunda? Ariko kwihenda n’ubujuju vyaramye. Tugire amahoro.

  • Jewe nitwa Mana, ariko birababaje kubona harumuntu yafashe amajambo aboze anuka akayandika akoresheje izina ryanje!!! Uwomuvugizi wa reta yuburundi ndamukunda ndamwubaha bimyevyimazeyo. None nkumuntu yafashe izinaryanje akarikoresha mukwandika amajambo yokwifatira mugahanga nyenicubahiro umuvugizi wa reta yu Burundi mwumva abonye ivyoyonona mugihugu atovyonona ngokugira vyandikwe kubutegetsi buhari!? Sinziko mwatahuye icoyashatse gushikako, icoyashatse nukugira yerekaneko najewe nahisemwo kwanka reta yu Burundi, irya reta canke cndd fdd mwebwe mwirirwa muyifatira mugahanga mwakindamugaramye mwakindisha nagakomokomo simwebwe muzoyikura kuko nimyaka itarimusi ya 50 mucamyumvako murushwanubusa. Rekandangize ndakwibariza, mbese nigiki catumye udakoresha riryazina wamukoresha mugutanga ibitekerezo vyawe? warevye ubonako gukoresha izinaryanje kwariho wogira ijunja nijambo?

  • Mbe ba mazuru mwe bica Ndadaye harumuntu yabakubise intahe mugahanga?nimureke basha tukinyiganze natwe murire uko twarize.ivyari I magera vyaragerutse humura tuzoza tubahako gato

  • Uwomugabo ngo niwe Nzobonariba ivyavuga abikura he none ivyayo mashiramwe mpuzamakungu yashikirije harikinyoma cabayemwo??ubwicanyi ntibwahabaye??umutekano ntiwahungabanye mumatora bikinatuma yibwa??ahubwo niba ari iki ikijumba bamuhaye akirye areka kudebagura ibitunvikana.

  • Mwoba mwibaza ko abarundi tubona ibikorerwa mu gihugu?Plilippe desole ivyo wavuze ni ikinyoma gusa!!

  • Nyakwubahwa MAMA najewe iyu yiyitiriye iri zina ryawe naramubonye,ariko nawene nyene ntazi icari,vyamunaniye kwiyita izina ryiwe rimubereye,natume yiyita UMUBESHI,hama abavuga nibavuge igihugu kiguma kirongogwa mubwitonzi ntangere nanyakubahwa PRESIDANT NKURUNZIZA P.Jewe vyukuri binvuye kumuyima ndakunda UMUHUTU,UMUTUTSI.UMUTWA,bijunja n,ijambo,bagendera ibanga,n,ubutungane,no kwubaha abandi.ariko ndanka caaane umututsi,umuhutu,umutwa ,baca kubiri ningendo ibereye abantu bazima,abenshi bagomba kwifata nkabanyamahanga,abacangero babazungu,ukamenga batari kwisonga ryuburongozi igihugu kirahiye.Abahutu na batutsi mufise iyongendo nimuhindure hakiri kare.nayahandiho ntimuzodusimbana umutaru ndabarahiye.Ubaha amategeko,mwubahirize nabakuru baturongoye,erega bahawe nabanyagihugu,kandi nibo bazobahindurira babonye bikenewe.mumenye ko UBUKURU BUTANGWA N,IMANA.ntagushaka kwihagira rero.mubigire umuziro uzigwa.

  • Je Giramahoro ndasavye ikigogwe kuvyo maze kwandika ngaha vyose vy’ubwibone kuko abanyagitega tubana hamwe n’abaho mwuka muri nord barampanuye!Yesu abahezagire ngiye nokuvyatura mu rusengero!!

  • ITANGAZO ,hari umuntu ntaramenya neza asigaye anyiyitirira ,nawe suwundi nuyu yanditse izina ryiwanje nubudome butobuto,jewe nandika izina ryiwanje nindome nini cane,ahubwo ntiyisonera,kandi ari mubagwanya ubutegetsi buhari,jewe iryo nanditse vyose ndavyemanga kuko vyinshi narabibonye ibindi narabisomye mubitabo vyakahise,ahubwo uyu anyiyitirira nimbura kimazi,ahubwo nuje mwisengero wewe nyene wigaye ivyaha wakoze,kuko wewenyene ntiwera.ahubwo nukukurabaneza.ngo harabasenga nabisengera .wewe uri murabo.banwanyi biki kinyamakuru igihe jewe naho igitega iyi mburakimazi yavuze nsindahazi,nsindahonyozayo ikirenga,muze murabaraba neza abo bantu yemwe.

  • Ariko sha Nzobonariba mwe n’aba dd, muranyica. Ibikorwa vyanyu n’umwana w’imyaka ITATU arabona ko ata kigenda mbe ndareka ayo mashirahamwe mpuzamakungu, ivyo mukora vyose abibona ntya!! ko vyabananiye guhindura rero, mureke basohore ama rapports kuko ils sont partout sur terrain. Ils n’ont pas besoin d’autres rapporteurs baravyibonera neza cane. Mwari muzi ko bemera ivyo muvuze gusa. Jamais!! ils ne sont pas idiots. Ils voient tout.

  • @Kirinyota, Uwomuvugiziwa reta niwe ariko arindika ibintu ahakwiyisite akoresheje amazina yabandibantu? Ndibaza kwari oya, iconico kizotuma bitugora kwemera kwivyomwagiriza reta kwikoranabi mugiheturikoturibonera ubugizibwanabi bwanyu bwogufata amazina yabandibantu mukayakoresha kwandika ibintu binuka, bitwerekiki? bitwerekako ibibivyose bikorwangaho mugihugu nibamwe murimwenabo bariko barandika bakoresheje amazina yabandibantu bakora ivyobibi muntumbero tokugira vyandikwe kurireta, mwibuke nigihe nyakwubahwa Agathon yariyahunze hariho abagumye bakoramabi maze bakaguma bandika inyandiko zitagira imikono zivuga ngo mwarase gutora mutama Agathon ngomuraje mubone, kandi ntabwoyariyabatumye canke ngwabamenye vyukuri, nabobandikangaha bakoresheje izinaryanje rya Mama nizina ryuyundimuntu yitwa GIRAMAHORO kandintahobitaniye nivyomukorera reta yuburundi kugira muyanduze, ndafise akarorero kabaheruka kurementaniriza ibinyoma umukuru wigisagara ca Bujumbura munyuma bikabatekurukana rindira namwe bizobatekurukana ivyomurementaniriza reta yu Burundi mugihe kitarenze imyaka 2 guza.

  • Mufasoni MAMA ndaguhaye akayambu hamwe NASEKURI.bandanya mukebura ab,abarundi bakiri mumayirabiri,batarabona neza aho tuva niyo tuja,jewe nabahaye ikigereranyo c,indege ifise amapine 3,(umuhutu,umututsi,umutwa,)umushoferi PRESIDANT NKURUNZIZA,abakozi bamundeg bakuru1vice et2 vice prdt,uwinkenguzamateko na shingamategoko.abafundi bayo ABAKURU B,IMIGAMBWE yose yemewe namategeko.aba passage ABARUNDI TWESE BO MUBWOKO BWOSE,NA BANYAMAHANGA BARIMWO,ico mwomenya rero umufundi 1 yitwa sinduhije yaraye afunze IBURO yiyo ndege nabi,iyo hataba abahinga hari abipakije mundege bagomba gukoroka,habaye aba Exper bakaruhariwe bigiye hanze muri zaburaya.ndasavye rero nshimitse abo bandi bafundi biyo ndege basubire guhugugwa(kunonosora ivyigwa vyubufundi)ngirango abakunzi biki kinyamakuru mwantegereye neza ico mbabwiye.nidufate akayira tuje gusenga IMANA,nitwashika mwihema ry,IMANA tuvuge duti (MUKAMA twebwe abana bawe TWARACUMUYE, DUCUMURA kandi NIBIGIRANKANA NONE TUBABARIRE MUKAMA)Amen-Amen. .................(Ntihagire uwisigaza inyuma)

  • Nzobonaribaarindire abone ko ibara rirwa kugire amenye kuvuga ukuri nayahandileta ya CNDD avugira ntakigenda umwana wanje afise imyaka umunani ariko arabona ko ibintu bigenda nabi mu Burundi mbere nanje ndatangazwa nukubona leta iguma ihakana amakosa abonwa nabarundib bose amakungunone mugamba bavuge gute maramaraneza CNDD twese twari inyuma yanyu mugabo turicuza kubona twarabatoye , aha ntimugire ivyo akarwi kabononyibomumugambwe barikurushi bakora bigatukwaabanyamugambwe bose tuzoguma tuvyemera umugambwe uzosigara witwa CNDD mutakigiraabanwanyiinyuma kubera amabi mukora . Reka iyindi migambwe ikore ataruko amakunguazofasha oppositionmukubakura kubutegetsi kunguvu mubandanije kukoreshainguvu nimurabe ibibera mubindi bihugu ntimwibaze ko uburundi bidashoboka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.