IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Reta ikwiye kwitondera isoko ishirahamwe ASYST ryahawe

OLUCOME : Reta ikwiye kwitondera isoko ishirahamwe ASYST ryahawe

jeudi 31 Gitugutu 2013

Ishirahamwe rirwanya abarya igiturire n’abanyonora amatungo y’igihugu OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) rirakebura Reta ko yohagarika uturusho tw’umurengera duhabwa abakozi ba Reta basanzwe baronka imishahara, kandi ko Reta yokwaka ishirahamwe ASYST isoko yo gushiraho ivyuma vyo mu buhinga bwa none mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwaratanguje umugambi wo gushiraho ubuhinga bwa none bwofasha gukurikirana neza ikoreshwa ry’amafaranga ya Reta. Nk’uko ubwo buhinga mu gihe bwoba bumaze gushingwa bubitegekanya, ubushikiranganji bwose bwa Reta bwogira ico bukoze ku mafaranga ya Reta, ubundi bushikiranganji bwoca bubibona, ivyo bikagabanya ubusuma n’itunganwa ribi ry’amafaranga ya Reta.

Mw’ishirahamwe OLUCOME barashima uwo mugambi wofasha kurwanya ba "kaboko", ariko bakanegura ko ishirahamwe ASYST ryahawe iyo soko yo gushinga ubwo buhinga, isoko y’amafaranga imiriyaridi cumi na zitanu z’amarundi. Kubwa Gabriel Rufyiri, ntivyumvikana ingene iyo soko Reta itoyaka iryo shirahamwe ASYST mu gihe icegeranyo cakozwe n’umurwi w’abahinga cerekanye ko ibikorwa ishirahamwe ASYST rimaze gukora muri uwo mugambi birimwo utunenge twinshi dushobora gutuma uwo mugambi ngirakamaro udakora.

JPEG - 40.9 ko
Kubwa Gabriel Rufyiri, abadashaka ko iyo soko ihabwa abandi babishoboye ni abahaweko kuri izo miriyaridi 15 z’iyo soko

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yibutsa ahandi iryo shirahamwe ryahawe ibikorwa nk’ivyo vyo gushiraho ivyuma vy’ubuhinga bwa none, ariko n’ubu ata na hamwe bukora. Yatanze akarorero ko ku kibuga c’indege ca Bujumbura, muri INSS (Institut National pour la Sécurite Sociale), hamwe no mu biro bikuru vy’igendereza. Gabriel Rufyiri abonamwo intumbero ya bamwe yo kudashaka ko ubwo buhinga bwobaho, kuko abasuma n’abasesagura amatunga y’igihugu vyoba bibatekurukanye.
Asaba rero ko Reta yokwaka iyo soko ishirahamwe ASYST, bakayiha ayandi mashirahamwe abishoboye.

Ishirahamwe OLUCOME riranegura kandi uturusho tw’umurengera duhabwa abakozi ba Reta baba bahawe gukurikirana ibikorwa (Les Commissions de Suivi). Mu gihe abari muri iyo mirwi ikurikirana ibikorwa bahabwa amafaranga y’uturusho ashobora kungana n’imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu (2500 000) ku kwezi, Gabriel Rufyiri amenyesha ko ivyo ataho bitaniye n’ugupfukama igihugu mu nda, kuko abo bayahabwa aba ari abategetsi bakomeye bo muri Reta, bahembwa ku kwezi amafaranga atari munsi y’imiriyoni zibiri. Kubwiwe, ayo mafaranga asesagurwa yofashije mu yindi migambi y’iterambere ry’igihugu, hamwe n’ukuduza agashahara k’abakozi bamwe bamwe ba Reta bahembwa intica ntikize. Gabriel Rufyiri yatanze kandi amazina yabategetsi bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta bahabwa uturusho tudasiguritse, nk’umuyobozi ajejwe ubuhinga muri ubwo bushikirnganji. Gabriel Rufyiri asaba ko iyo ngendo y’uko hari bamwe umenga nibo bakwiriye kubaho bonyene yohagarikwa.

JPEG - 41.6 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Reta y’Uburundi, aho imariye kumenya ko amafaranga ahabwa abo bashirwa mu mirwi yo gukurikirana ibikorwa ari umurengera, yaciye ifata ingingo ko atawuzosubira kurenza ibihumbi mirongo ibiri vy’amafaranga y’amarundi ku munsi, amafaranga yafashwe nk’ay’ukwiyunguruza. Gabriel Rufyiri atangazwa n’ingene iyo ngingo idashirwa mu ngiro kandi urwandiko rwayo Reta yararurungikiye abashikiranganji bose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Hhahahahaha OLUCOME encore......... urababangamiye peeee

  • OLUCOME OLUCOME OLUCOME...............komera kwibanga .... nivyiza ko turonka abantu nkawe mugihugu

  • Ni vyiza ko imigambi yose y’igihugu yotunganywa neza hisunzw ibisabwa n’amategeko kandi ababijejwe bose bavyize neza bakavyemeza. Ici nico conyene cotuma igihugu cacu kigira iteka mu bindi. Kandi ntawutoshima kiretse bamwe na ba bandi.

  • Gabriel RUFYIRI uri umugabo pe. L’émission de ce dimanche 22 décembre sur la RPA entre Gabriel Rufyiri et Désiré MUSHARITSE était révélateur. Seulement je vais faire un conseil au Porte-Parole du Ministère des Finances et de la Planification du Développement (Désiré MUSHARITSE). Son attitude lors de l’émission prouvait évidemment que ce qu’il disait n’était pas correct. Il avait un combat constat entre sa conscience et ce qu’il disait. Il hésitait pour trouver des mots. Il entrecoupait chaque fois Gabriel, il était nerveux, pas du tout posé au regard de son poste. Au lieu de profiter des moments d’intervention de Gabriel pour préparer intelligemment ses répliques, il perdait son temps às’acharner contre lui.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.