IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Pascal Kakana: "Nta mwigisha yataye akazi muri kaminuza y’Uburundi"

Pascal Kakana: "Nta mwigisha yataye akazi muri kaminuza y’Uburundi"

vendredi 31 Mukakaro 2015

Sendika y’abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi imenyesha ko ata mwigisha n’umwe wa kaminuza yataye akazi,inyuma yaho ubuyobozi bwa kaminuza bumenyesheje ko hari abigisha munani bataye akazi.

Pascal Kakana arongoye sendika y’abigisha muri kaminuza y’Uburundi amenyesha ko ivyashikirijwe n’ubuyobozi bwa kaminuza atari vyo,kuko ata mwigisha n’umwe yataye akazi.

Umukuru wa Sendika y’abigisha ba kaminuza avuga ko igihe abigisha batatonze ku mirimo,ari igihe mu gisagara ca Bujumbura ahari umutekano muke kubera imyiyerekano,kandi abigisha nabo atari ho bari mu bigo vya kaminuza bivuye ko bari basohowe.

Pascal Kakana avuga ko kugira bavuge ko umukozi yataye akazi,ica mbere bakora ari kumugabisha,hanyuma bakamwandikira bamubaza igituma ataza ku mirimo.Kubwiwe,ivyo ntivyakozwe arico gituma ibiriko birakorwa abifata nk’ibifise ibindi bivyihishije inyuma.

Pascal Kakana asaba ko amategeko yubahirizwa mu gufata ingingo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • emma

    kakana ntasoni uriko urakingira abiwanyu ngo ntibirukanwe urahumba, abo uriko urakingira nibo babariye abanyeshure bigisha kuja kugumuka noguturira amabarabara na bantu, nonoho ntuhogore abataye akazi bagahunga bagarutse ntaco bazobaza.

  • Bien sur murahumba hariho abataye akazi,abo bose bari bashigikiye imyiyerekeno ,bagumuye abanyeshuri gutuka perezida,bakagira montage ko abahutu bo muri campus ari imbonerakure bakabomora be nabo bose babwiye abanyeshure kuja imbere ya ambassade des états unis ,laissez tomber ubu turabazi hari abataye akazi bizeye ubundi buzi bwo hejuru,bari bizeye gusomera none babona bagiye kurumanga.hari aba

  • abigisha bamye barenganywa kuva kera ntigishasha boba bagize,none bagomba batonde kwigisha nde kobari birukanye abanyeshure?n’imvo zindi bahorwa.umukozi yubahirizwa n’amategeko.

  • nurek kaminuza ibeho non ga muyobozi ni wirukan abigisha kumanyanga basanzw bakeny uzokwigisbg abanyeshur bos gut? kirets ugomba kuzan aband atabtmenyi bukwiy bafis.

  • Nagomba kubaza:kirundi-swahili iri muri IPEA canke MURI ENS ndabasavye mumpe inyishu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.