IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PNUD : Uburundi bwateye imbere ku rugero rw’ibice 4,8 kw’ijana mu mwaka (...)

PNUD : Uburundi bwateye imbere ku rugero rw’ibice 4,8 kw’ijana mu mwaka 2013

dimanche 24 Munyonyo 2013

Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’iterambere, PNUD, Uburundi bwateye intambwe ingana n’ibice 4,8 kwi 100 mw’iterambere muri uyu mwaka 2013. Irwo rugero rukaba ari rutoya ugereranije n’ibice 7 kw’10 bitegekanijwe gushikwako n’ibihugu bikiri bitaraterimbere.

Icegeranyo ca PNUD co muri uyu mwaka w’2013, kivuga ko Uburundi bwagize iterambere ritarenga 4,8 kw’100. Urwo rugero rukaba ari ruto, hafatiwe kuri 7 kw’100, urugero ruto roshoboka ku mwaka rutegekanijwe ku bihugu bitaraterimbere. Urwo rugero rw’imiburiburi rwashinzwe mu nama y’i Istanbul.

Umuhinga muvyo ubutunzi muri PNUD-Burundi, Daniel Gbetnkom, avugako hari imvo zatumya iryo terambere ritaduga uko vyategerezwa. Aha, uwo muhinga, aravuga irwirirana ry’abantu rifise umuvuduko munini, ibice birenga 60 kw’100 vy’abarundi bigizwe n’urwaruka, runo narwo rukaba rutagira akazi. Iki canyuma ndetse, Gbetnkom, agira ati : « Ni intabamyi ikomeye nyamukuru ». Ibiharuro biri muri ico cegeranyo vyerekana ko, muri uyu mwaka w’2013, abarundi bagera kuri 67 kw’100 baba munsi y’urugero rw’ubukene mu gihe mu 1998 ibiharuro vyari 81,3 kw’100 kubera intambara. Ivyo bitigiri bikaboneka ko bitahindutse kanini cane nkuko vyategerezwa.

Kubwo uwo muhinga wo muri PNUD, imuti kuri ico kibazo c’iterambere ryikwega ni uguhimiriza ukurwiza umwimbu, hakaba ukoroherezwa mu kururonswa amadeni, hakagwizwa inyubakwa rusangi (amabarabara, ibitaro n’ibindi). Daniel Gbetnkom arongera akavugako : uguteza imbere igisata c’abikorera utwabo, uguhimiriza abanyamitahe kuza gukorera mu Burundi, ukurwiza umuyagankuba, ukurwiza uburyo bwo kw’iyunguruza, ukwijukira ukuvomera mu bijanye n’uburimyi n’ibindi biri muvyofasha kuzamura iterambere.

Uwo muhinga akaba avuga ariko ko igihambaye cane ku Burundi ari ukurwiza amasoko ntanganguvu, umuyagankuba, kugira hashingwe amahinguriro ahingura ibifungurwa na rirya 80 kw’100 vy’abarundi batunzwe n’uburimyi. Uwo muyagankuba wonafasha mu gucukura ubutare bw’i Musongayi maze bikabombora ubutunzi bw’igihugu.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Ego turabibonye none leta ga asaba amahera yo ku mwaka irinze iki ngo ije kuri iyo migambi na CSLPII ngira nta mahera izoronka ko ikora makosa abaduha amahera nabo bati oyaaaa ,,dd ikebuke mureke kuduhendesha opium yitwa IBIKORANE !!!!!!!!!

  • Muvyukuri jewe mumfashe mumbarire igihe Rusumo Falls izotangurirwa gukorwa nigihe izoherera.

    Mwongere mumbarire CPGEL umwaka inzira yumuyagankuba imva muri Congo ija iwacu Gitega izoshikira.

    Muvyukuri nimwaramuka mukwirakwije umuyagankuba muma Commune yose agize igihugu cuburundi, icogiharuro cabatagirakazi kizogabanuka kugezanaho incuti nabagenzibu Burundi batangara, nubwotwabaturaro se uwomuyagankuba muri bibiri vyagatatu vyama commune agiz’Uburundi twobereka icotwikorera,Kukuyumusi ndibazako ntama commune ashika 50 mugihugucose afise umuyagankuba.
    Nonemubona twoterimberegute mugihe uwurose ubushobosi bwogutunga firigo bicabibangombwa koyimuka akavamwi commune yaririmwo akaja kuburwamukuru wigihugu canke wintara nahonyene murabona kobazabarahana imisibaronkerako umuriro uyundimusi ukawubura.

  • Biragoye sinzi nka bari muri iyo domaine kuko les indicateurs ko mbona zose ziri au rouge..Ko mbona la production ari nulle ,le secteur ifise intambamyi nyinshi kansi iri cle ni uburimyi!!!,,je ndavye ingene abantubenshi babaye ho sinzi ngira ni le secteur prive kuko ikwepa ama taxes yerekana croissance ,be n ibikorwa rusangi birashoboka hamwe n ibikorane...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.