IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Posiyano Gaciyubwenge arahumuriza abibaza ko inzego z’umutekano zitarabana (...)

Posiyano Gaciyubwenge arahumuriza abibaza ko inzego z’umutekano zitarabana ryiza

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Mu kiganiro abashikiranganji bane uw’ukwivuna abansi, uw’umutekano, uw’ubutungane n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, bishuye ku bibazo bitari bike, abarundi n’abandi bibaza ku bijanye n’ikibazo c’umugambwe UPRONA gisa n’igishobora gutuma umutekano uhungabana yaba mu nzego z’umutekano canke mu kibano c’abanyagihugu.

General Major Posiyano Gaciyubwenge

Ku bw’umushikiranganji w’ukwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba General Gaciyubwenge Posiyano, amenyesha ko ivyo ari ibihuhuha, inzego z’umutekano ziriko zikora neza, ndetse n’ibivugwa ko hoba hariho abamaze kwumvirizwa mu makambi ya Bataillon Para canke mw’ikambi ya Muha ku bijanye n’ukugumuka kw’abasirikare atarivyo. Umushikiranganji w’intwaramiheto asaba abaja mu migambwe gukorera poritike zabo mu migambwe yabo, abariko ntibahirahire ngo binjire mu nzego z’umutekano ku neza yabo.

No kubijanye n’uko mu bashikiranganji bashasha baraye bagenywe yoba atarimwo, avuga ko atagomwe atakibazo, ariko akizera ko uwo bazogomwa wese kugira amusubirire azoba aje gukora nkawe, atazoba ari imbundege. Atagikorwa na kimwe yatumwe kurangura camunaniye kuva ashitse muri ubwo bushikiranganji.

Comissaire Gabriel Nizigama

Eka n’umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu Gabriel Nizigama akaba yasavye ko namba hari umusirikare canke umuporisi yoba yipfuza gukora poritike, yoshikiriza umwambaro, agaheza agakora poritike yipfuza. Ku bijanye naho n’uko hari bamwe mu baporisi bahohotera abanyagihugu, bagakoresha n’inguvu nk’uko vyibonekeje mu badasigana bari ku Mugumya, Nizigama avuga ko bitokwagira abaporisi bose, hagize uwuhohotera umunyagihugu, ariko abaporisi bagasabwa gukurikiza amategeko.

Ico kibazo c’isamburwa ry’umugambwe w’Abadasigana UPRONA gisa n’aho kiraraje ishinga inzego zitandukanye z’igihugu, umushikiranganji Edouard Nduwimana yagirizwa n’abakuru b’imigambwe imwe imwe ko ariwe aja kw’isonga mu kuyisambura, yamenyesheje ko umugambwe UPRONA wamanye ingorane kuva kera, aca asubira kwibutsa ko, inama yose izotumwako n’abaporona umupfasoni Concilia Nibigira atabimenyeshejwe, itazemerwa, n’ibizovamwo bitazemerwa kuko uyo mupfasoni ariwe aserukira umugambwe wa Rwagasore imbere y’amategeko. Ivyo umushikiranganji Nduwimana akabimenyesha, mu gihe umurwi usanzwe urongowe na Karori Nditije, ndetse ariwo murwi urimwo abashingamateka nka bose ba UPRONA, baheruka gufata ingingo yo kwirukana burundu uyo mupfasoni hamwe n’umushingamateka Niyoyankana Bonaventure mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA.

Edouard Nduwimana

Ikindi kibazo cabajijwe kikaba ari ikijanye n’ipfungwa rya Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU akaba yarigeze kuba n’icegera c’umukuru w’igihugu. Kuri ico kibazo, umushikiranganji Pascal Barandagiye atwara ubushikiranganji bw’ubutungane, avuga ko atanumwe ari hejuru y’amategeko. Ferederiko Bamvuginyumvira rero akaba ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa gushaka gutanga igiturire, inyuma y’aho bamwe mu baporisi bamufatiye bamwagiriza kuba yariko ararenga ibigo n’umupfasoni w’uwundi mugabo. Ariko ivyo yagirizwa bikaba vyariyamirijwe n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ko, ari irementanya yagiriwe, kugira akurwe ku rubuga rwa poritike.

Pascal Barandagiye

Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyarivyo vyose ubutungane bwari bukwiye kwisubirako bukareka gukorera mukwaha kwa reta.Hamaabapolisi biraboneka neza ko badakorera igihugu benabanyagihugu ahubwo bakorera umugambwe uri kubutegetsi.Nduwimana dwarudo niyemange ko ariwe asambura imigambwe kuko ngo ukuri guca muziko ntigusha

  • Wambie! vifaa vya usalama vina simama imara.

  • Si mu makampi gusa ahubwo intwaramiheto nka zose zizi uko ibintu biteye, zizoteba zirasane kumugaragaro. Narimperutse kuvyandika ngaha bamwe baraseka none ntimubonako vyicaje abategetsi bakomeye? Akarinyuma karahinda cane

  • Reka reka umututsi wese a ha ri hose eka nicuti zabo hageze ko duhaguruka ,ntidushoborakwemera ko Nkurunziza ariwe adutorera abaduserukira (uruva ako kagaye)nayo abasirikare,etc babuye,ziryampuzu nabantu nkatwe savye shimitse ko abantu bo kwirarira ivyabAYE MU RWADA NTIBITUBEKO IMYAKA bavuga imbonerakure mwibaza ngonuguvyina /none murabonyeko agatima ko kwica umututsi ntikarabaheramwo

  • Umusirikare CANKE umupolisi yibaza ko arenganijwe kubera uprona NATAHE!Erega nuko arabanyengofe gusa,ntibasumba RWASA AGATHO!

  • Mana fasha uburundi buragowe

  • Ariko ndababwire birababbaje gutangura neza ugaheza nabi ! uyo mugore yitwa Concilia Nibigira hari hageze ko yubahwa n’abakwe n’abuzukuru, none hageze aho bamuvuma! Yarafise icubahiro mu bikorwa vyo mu ngoro y’Imana none ubu zoca imbere y’abakristu bahoro bamubonamwo agashusho k’umupfasoni ! Ubu bagiye kumubonamwo agashusho k’inzoka kuko niyo ifise indimi 2 ! kandi noneho nta gukorera poritike n’Imana ntibijana nagato uhitamwo gukora poritike ukuzuza inda yawe canke ugakorera Imana ugihitamwo guta ivyubahiro vy’abantu ! Rero uyo mugore arateje urubwa umuryango wiwe eka nabari bamuzi , yaremeye ararya amafranga ya CNDD-FDD kugira ahemukire umuryango wiwe nuwa Ekleziya Catholique yari yamwizeye ! Sindababesha nukuri ako n’akamanyu k’umutsima yariye uyu munsi ejo kazomuniga ! GIRA AMAHORO !

  • 和平與愛所有的和平愛好者

  • Icombona kunvugo yabaprona uwuri muwundi mugambw ntary ngwaryam kuko iprona yitguy kar uturorro namakambi atacanzw nka camp muha,bururi,uzi na mwaro ntantwazangabo yumuhut arimwo kand abasoda baprona baguma bikundisha can abahutu ninaco irya camp para icivugira.noneho abahutu bitirigw igipolisi nakar bavugango" UHEREREZ UMUKEBA KURUGI BWAC AKAGUTURINA NUMURYANGO" ndavuz uwunva narigendere.

  • Barundi bene wacu turacagowe kabisa CNDD-FDD yagiye mw’ishamba ihunga akarenganyo yagiriza abatutsi,ivayo itigeze ifata na zone imwe mu gihugu c’uburundi kubera ibiganiro ironka ubutegetsi ica ishaka gukora nka FPR yashikoriye ubutegetsi itsinze les ex-FAR ahubwo aho gukora yerekana ko igomba guteza imbere igihugu izana umunoho n’inda ndende vyo gusahura igihugu ukamenga bafise aho bagomba guhungira.Amaraso y’abarundi basheshe aho bagiriye ku butegetsi no kuri Micombero ntiyasesetse kandi abahutu CNDD-FDD yatikije ntibagira uko bangana none ubu bahinduye ingendo yo gushira mu ngiro génocide bateguye kuva kera .Uprona izobabera ifuro ry’igiti umugambwe utashinze kuwusambura ntiwibaze ko ari vyoroshe abatutsi s’ibijuju kira noneho s’uw’abatutsi gusa muwitirira abatutsi ariko n’abadasgana koko ndabahaye ikiringo kitarenze 3 mois mwavuye mw’ishamba mukumbuye kurisubiramwo ariko mukugaruka ntimuzoroherwa bandanya mukora mu jisho Imana yoyo ntikina izobakubita mumaramare.

  • Barundi bene wacu turacagowe kabisa CNDD-FDD yagiye mw’ishamba ihunga akarenganyo yagiriza abatutsi,ivayo itigeze ifata na zone imwe mu gihugu c’uburundi kubera ibiganiro ironka ubutegetsi ica ishaka gukora nka FPR yashikoriye ubutegetsi itsinze les ex-FAR ahubwo aho gukora yerekana ko igomba guteza imbere igihugu izana umunoho n’inda ndende vyo gusahura igihugu ukamenga bafise aho bagomba guhungira.Amaraso y’abarundi basheshe aho bagiriye ku butegetsi no kuri Micombero ntiyasesetse kandi abahutu CNDD-FDD yatikije ntibagira uko bangana none ubu bahinduye ingendo yo gushira mu ngiro génocide bateguye kuva kera .Uprona izobabera ifuro ry’igiti umugambwe utashinze kuwusambura ntiwibaze ko ari vyoroshe abatutsi s’ibijuju kira noneho s’uw’abatutsi gusa muwitirira abatutsi ariko n’abadasgana koko ndabahaye ikiringo kitarenze 3 mois mwavuye mw’ishamba mukumbuye kurisubiramwo ariko mukugaruka ntimuzoroherwa bandanya mukora mu jisho Imana yoyo ntikina izobakubita mumaramare.

  • wew wiyise Burije uriko ubiba inzankano ukwiye gufatwa utisubiyeko vuba!Intwaramiheto z’uburundi zifatanye mu nda nta muhutu nta mututsi ariko ivyo uriko urabazamwo ntibazokwihanganira!kandi ni bakingira igihugu ntibakingira ubwoko,barekere akazi nawe ukore iyipolitique yawe ariko uracari inyuma ,urateye n’isoni!

  • Mwebwe mwiyise karabanyegeye na burije muri imamba zicira ubwayi reka gukokeza!Mushaka musubize abarundi mumarira?Muriko mukora mu nkavu z’abarundi zitari bwakire?Amarira y’impuvyi n’abapfakazi ntarahera none mugomba kubatamba k’umuvyimba aho mwobahojeje?Iryo shamba murajambo mwebwe muze murihirigwemwo mureke abarundi bibere mu mahoro!VA IBUZIMU MUJE IBUNTU MUVUGE IMVUGO ZIDACA IMITIMA ABANDI!!!

  • je ndabasabe mubwire ikintu nkabantu boba bazi cnke bumva amakuru ava kwa Edourd Nduwashetani yoba asinzira nijoro iyo aryamye???si oui aba DD mubahebe imitima barayisohotse hafi ya boose.

  • umwansi wabarundi nuwuzo garukana canke akitwaza amoko nkuko tubibona bamwe bamwe bavyishimiye..

  • Indirimbo ivugango CNDD FDD ruhuka ntiwibagire amagorwa wabonye nicayaguteye.CNDD FDD oyeeeeeeeeeeeeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.