IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > "Redemption Voice" warabiciye biracika

"Redemption Voice" warabiciye biracika

mardi 31 Kigarama 2013

Umurwi w’abaririmvyi “Redemption Voice” uririmba indirimbo zo gucungurwa warabiciye biracika mu giteramo cabo citabwe n’insinzi ry’abantu , aho bashize ahabona n’urukurukirane rw’indirimbo bise “Yuguruye ntawugara”.

Mu ntumbero yogushira ahabona urukururikane rw’indirimbo zawo bise “Yuguruye ntawugara” hamwe no guhimbaza Imana kuvyo yakoze mu mwaka w’i 2013, kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 29 Kigarama 2013, umurwi w’abaririmvyi bahimbaza Imana “Redemption Voice” waragize igiteramo kidasanzwe kuri uyu w’Imana..

Bonaparte Barayaberwa, umufashabikorwa (manager) w’umurwi Redemption Voice yamenyesheje ko ari akanyamuneza kuri ico giteramo cashimishije abatari bake na cane cane abakunda umudiho wa "acapella", usanzwe ukoreshwa cane n’uwo murwi mu kuririmba.

JPEG - 745.2 ko
Bonaparte Barayaberwa, umufashabikorwa (manager) w’umurwi Redemption Voice

Ikindi naco cigaragaje muri ico kiteramo, n’insinzi ry’abantu ryari rihari kuko ku bibanza amajana indwi inyubakwa yahahoze bita “Odéon Palace” isanzwe ifise mu kwakira abantu, vyose vyuzuye n’abandi batari bake batashoboye kuronka aho bahonyora barasubira inyuma.

Ico giteramo cagiye gutangura inyuma y’iminota idashika na cumi kw’isaha yari itegekanijwe, ibibanza vyose vy’iyo nyubakwa vyuzuye kubw’ugukunda cane indirimbo z’umurwi Redemption voice. Bonaparte Barayaberwa akamenyesha ko citabwe cane mu buryo bitari vyitezwe .

Hagati y’indirimbo z’urukurukirane rw’indirimbo bise “Yuguruye ntawugara” z’uwo murwi zagiye zorashikizwa, harabaye n’iyindi mirwi y’abaririmvyi yaje gufasha, nayo nyene ikaba yabiciye biracika.

Bamwe mubari bitavye ico gitermo bakaba bamenyesheje ko banezerejwe biboneka n’ico giteramo gusumba mbere uko bari bavyiteguriye. Richard Kelly, umwe mubari aho avuga ati: “Ndahimbawe cane n’igiteramo cabaye, ku ndirimbo zose zashikirijwe zifise amajambo adasanzwe na cane cane izari mu mudiho wa acapella”.

Eric Mugisha, arongoye umurwi “Redemption voice”, ati: “ N’umunezero ntangere kuri jewe no k’umurwi Redemption voice kubw’Imana yadushoboje gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo Yuguruye ntawugara".

Akaba yamenyesheje kandi ko mu mezi abiri agiye kuza, umurwi Redemption voice ugiye kuzoshira ahabona biciye mu masanamu zimwe mu ndirimbo zo m’urukurikirane “Yuguruye ntawugara”.

Mwokwibuka ko umurwi “Redemption Voice” usanzwe uririmba indirimbo zo gucungurwa umaze gutwara ubushimwe butari buke bivuye ku ngabire n’impano zidasanzwe bafise mu kuririmba indirimbo n’amajwi yabo arongorotse.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.