IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Bujumbura: Igiteramo ca Gaby cari agakura

Bujumbura: Igiteramo ca Gaby cari agakura

lundi 25 Munyonyo 2013

Umuririmvyi Gaby kamanzi ava mu gihugu c’Urwanda yaraye ateramishije abarundi mu giteramo c’agakura yise ‘’more than a song’’. Akanyamuneza niko karanga abari bitavye ico igiteramo.

Abakunzi b’indirimbo zo guhimbaza Imana i Bujumbura, kuri uwu w’Imana, kari akanyamuneza ntangere mu giteramo categuwe n’umuririmvyi Gaby Kamanzi. Uwo muririmvyikazi yarabiciye biracika mu nyubakwa za Odeon palace. Igihe c’isaha cumi na zibiri zirenga nk’iminota cumi niho yatangura kuririmba, abari aho bamwakiranye igishika cinshi ubona ko bari bamushashaye. Niho yatangura kuririmba indirimbo nka Il est vivant , indirimbo ngutuye, neema ya Golgota. Eka uwo muririmvyi yaranezereje abantu mu kuririmbira mu midiho itandukanye, abari aho baratamba baratarika, abandi barahimbaza eka uwicara ngira n’uwari akitswe n’amagara.

Nk’igihe c’isaha imwe n’inusu, uwundi muririmvyi azwi kw’izina rya Patient Bizimana niho yatangura kuririmba. Indirimbo yiwe ‘’Menye neza’’ ikaba yaramaze kwinjira mu maraso abarundi kuko agitangura gusa bose bavuye hasi bafatanya nawe kuyiririmba. N’umuririmvyi Fortran nawe nyene ntiyavyoroheje, kuko baratamvye baratarika.

Gaby Kamanzi nawe ati ndanezerewe cane kubona indoto zabaye ukuri kandi no kubona abarundi bavyitabiriye ari benshi. Abandanya agira ati: ’’Nari naripfuje cane gukora igiteramo ku gatwe kanje hano mu Burundi zari nk’inzozi, none uno munsi birabaye, Imana ibihererwe icubahiro’’. Yongeye ashimira abarundi ingene bitavye kumushigikira, ati:’’ Nateguye iki giteramo mu mwanya muto cane none raba kigenze neza.’’

Tubabijije igituma ico giteramo cari ku mafranga menshi ugereranije n’ivyo twari tumenyereye mu Burundi aho usanga ari amafaranga 5000 bif canke 7000, bashize ku 10000, uwusanzwe afasha Gaby umwe bita umu’’ manager ’’ Robert Sangano agira avuga ko kugira igiteramo gikunde catwaye amafranga menshi, harimwo n’amatike, uburaro, imfungurwa z’abo bagendanye hamwe n’ikibanza ari yo mpamvu bashize ku giciro kinini.

Fortrand Bigirimana

Mwomenya ko ico giteramo bise ‘’more than a song’’ cagiye kurangira igihe c’isaha zine z’ijoro ku ndirimbo imenyerewe cane ‘’Amahoro’’. Abari aho bakaba bavuga ko akanyamuneza kari kose ariko bagasaba ko umuririmvyi Gaby yogaruka vuba gusubira ku bateramisha. Muri iyi minsi Gaby akaba agiye gutegura CD na DVD.

Patient Bizimana

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.