IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Abandi banyeshure birukanwe bagirizwa gufutanganya isanamu (...)

Ruyigi : Abandi banyeshure birukanwe bagirizwa gufutanganya isanamu y’umukuru w’igihugu

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure 239 bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe kw’ishure bagirizwa ko banse kudoma urutoke ku banyeshure bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu abo banyeshure bakoresha mu vyigwa vy’ishure shingiro.

Abo banyeshure birukanwe inyuma y’abandi bo kw’ishure ryo mu Ruziba baheruka nabo nyene kwirukanwa, hamwe n’abo kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya bari mu munyororo, bose bahorwa icaha kimwe c’ugufutanganya isanama y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure.

Abo banyesure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe ni abo mu myaka y’shure y’umunani n’uw’icenda.

Amakuru atangwa n’ubuyobozi bw’inyigisho mu ntara ya Ruyigi avuga ko ubuyobozi bw’iryo shure bwasavye abo banyeshure bakoresha ivyo bitabu kuvuga abafutanganije iyo sanamu, ariko abanyeshure ntibaberekana, arikwo guca birukanirwa rimwe bose, gushika aho bazoshakira gutanga amazina y’ababikoze.

Sentare y’i Muramvya yafashe kuri uwu mbere ingingo yo kugumiza mu munyororo abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Muramvya.

Abo banyeshure bose uko ari batanu bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, bakaba bagiye kubandanya baburana bava mw’ibohero rya Muramvya aho bapfungiwe.


IGIHE

Messages

  • ISI YARAMEZE AMENYO UMUYANG TUCUBAHA UMUYAGA

  • EMW NAKAMARAMAZA! BANYESHUR NDABAHANUR NTIMWISHI ABANY POLITIQUE BOBO BARAHEJEJ AYABO NIMWIG MUREK IMIGUMUKO

  • Emwe ba sha uburundi Mugabo sinzi iyo buja,umuntu navuga iciyumviro ciwe ku isanamu y’umuntu muca mu mujana mu munyororo nyine, umunsi we yabaye Perezida muzabigenza mute? Ariko kweli Buyoya abanyagihugu barakwanze pe! urazi koabana b’i Rwanda baca bavuga ngo tuzoba Kagame kuko akora ivyiza naho mwe baca bafutanya isanamu ya Piter yega! ni Akamaramaza rwose

  • BASHA NGIRA MURI FONDAMANTAL NTANDERO BIGISHAYO NIMUBATOZE INDERO NZIZA

  • Uy mwaka ntibazi Ko wobinfagusa nimis basirisimbye Ngo barikwiga mubahash abo nibasindumuja.

  • nintumva nama nqvuze kobatajenwe gukina politique kwishure nibike bareke guhundwa nabanye politique

  • nintumva nama nqvuze kobatajenwe gukina politique kwishure nibike bareke guhundwa nabanye politique

  • None Ntambabazi Zikiriho Muraga Be Nimwubahirize Agatekakabanyeshuri Mubagirire Ikigongwe Nibokazoza Kejo Imana Ishobora Guhindura Ibintu Ejo Niheza Imana Iraje None Ntambabazi Zikiriho Muraga Be Nimwubahirize Agatekakabanyeshuri Mubagirire Ikigongwe Nibokazoza Kejo Imana Ishobora Guhindura Ibintu Ejo Niheza Imana Iraje Ibihindure

  • Reka Reka Kwica Uwawe Peter Numwuzukuruza Wacu Tuzoba Tukimubwira Ivyawe,wibazako Abo Bana Mwobahenda Babonye Ifoto Ibateye Amagorwa Ninzara Yabamazeko Abavyeyi,yasibanganije Igihugu Baca Barafuta Nanje Niko Noba.

  • Muzonshakire abarimu banjye bacyera Niba bakibaho nzoze kubaramutsa buhiri Valerie ndikumana onesime uwitwa asiel and nyandwi

  • nagira mpanure reta yacu irabe neza ba mujeri bariko bakoresha ivyo bitabo kugira ngo reta yirukane abana mumashure kuko hari beshi batabazi ababikoze bagaca barwa mumporera murabona ko yabaye iturufu oposion iriko ikoresha mubitware buke nubushishozi bwishi abansi bamahoro bashaka kuteranya reta nabana kuko bifuza ko abana bose bota amashure murabe neza nahandi birashobora kushikayo kuko bashaka kubigira iturufu yo kujaganya ayo mafoto aca akoreshwa nabakeba kugira abana birukanwe ikivunga reta yacu shishoza neza ntiturwe mumitego yabansi hahanwe uwakoze ikosa

  • Abanyeshure Natwe Tawaragowe Pe Ubu Karashize Ingani Ngo Icaha Gikoze Umunyeshure 1 Canke 2 Hace Hahanwa Ishure Ryosë Mperu Umukuru W’igihugu Yarayamaze Ngo"umurya Mbwa Azoba 1 Yitukishe".

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.