IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Chansons > Bimwe mu vyemeza ko Sat b yoba akorana na Ikoh Multiservice

Bimwe mu vyemeza ko Sat b yoba akorana na Ikoh Multiservice

lundi 29 Kigarama 2014

Sat B aherutse gushira ahabona ururirimbo rushasha yakoranye n’umurwi w’abaririmvyi bo mu Rwanda. Muri urwo ruririmbo harumvikanamwo izina ry’uwurongoye Ikoh Multiservice bigatuma hari abibaza ko Sat b yoba afitaniye amasezerano na Ikoh naho bompi babihakana.

JPEG - 100.6 ko
Urban Boyz na Satb i Kigali

Kw’igenekerezo rya 23 Kigarama Sat B yaragiye mu gihugu kibanyi cu Rwanda gukorana n’umurwi "Urban Boyz’’ ruririmbo bise "Urankirigita". Muri urwo ruririmbo, Sat b aravugamwo izina rya Ikoriciza Haruna arongoye Ikoh Multiservice.

Ibindi vyemeza ko yoba yaravanye na Africana Sounds Records akaja muri Ikoh Multiservice, n’uko Sat B, iruhande y’ico cemezo, mu nyandiko atangaza kuri "facebook" yiwe yiyita "Ikohboy" bisigura "umuhungu wa Ikoh". Ivyo tubimenyereye aho umuririmvyi avuga izina ry’abamufashe mu mugongo.

Ivyo tubivuze kuko Ikoh Multiservice na Sat b ubwiwe bahakana ko ata masezerano bafitaniye. Hamwe Sat b yoba akiri muri African Sound Records vyoba vyumvikana mu ndirimbo nkuko yahora abigira. Ikindi kivyemeza n’uko igiteramo kiriko gitegurwa na SUPER LEVEL n’umurwi wa Urban Boyz bariko bafashwa na Ikoh Multiservice. Tutibagiye ko Sat B yagiye muri Kenya ku buryo butanzwe na Ikoh Multiservice.

Umviriza ururirimbo "Urankirigita" rwa Sat b na Urban Boyz


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.