IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Chansons > Indirimbo za mbere SatB yakoreye muri Ikoh Multiservice zasohotse

Indirimbo za mbere SatB yakoreye muri Ikoh Multiservice zasohotse

lundi 13 Ndamukiza 2015

Amasezerano ya Sat B na Ikoh Multiservice ariko aja mu ngiro ku ruhande rwo gusohora indirimbo muri ubwo buhinyanyuzi. Hari indirimbo za SatB zashizwe ku mugaragaro ziva aho muri Ikoh.

.

Ibikorwa vya Sat B na Ikoh Multiservice biriko birama ivyama vya mbere kuva uwo muririmvyi ashize umukono ku masezerano yo gukorana nabo. Zimwe muri izo ndirimbo yazikoranye n’abandi hakaba hari n’iyo wenyene yikoranye. Imbere y’uko bamwe mu bamenyeshamakuru bafata umwanya wo kwumviriza, no gutanga ivyiyumviro vy’abo kuri izo ndirimbo, abo baciye bazihabwa. "Umutima Wangu" ni rumwe mu ndirimbo za Satb zashizwe ku mugaragaro. Izindi zasohotse ni "imvura yi’ibi Baby" yakoranye n’umurwi Swagg Team, na "Ntakufuata" yakoranye na Kidum na Frasha igihe yari i Nairobi muri Kenya.

Iruhande y’indirimbo za SatB n’abandi zasohotse, hasohotse n’izindi z’umuririmvyi Alpha Jerry asanzwe akorana na Ikoh Multiservice ariko izo ndirimbo ziwe tuzibashikiriza ukwazo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.