IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > SYMABU : Basaba Reta ko itokwemeza ingingo ibuza abacamanza kuja muri (...)

SYMABU : Basaba Reta ko itokwemeza ingingo ibuza abacamanza kuja muri sendika

vendredi 25 Gitugutu 2013

Mu nteguro y’isubirwamwo y’ibwirizwa nshingiro, harimwo ingingo ivuga ko abacamnaza batagifise uburenganizira bwo kugira sendika canke bashobore kugira imyiyamamazo iyo hagize akababakiye.

Ivyo bibaye mu gihe abacamanza bari bashinze ihuriro ryabo kugira baronke aho bahurira mu gutorera inyishu ibibazo bijanye n’akazi kabo, bongere bakorere hamwe iyo amategeko arenzwe.

Mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Nduwimana Jean de Dieu, umukuru SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi), ari nawe ayiserukira imbere y’amategeko, amanyesha y’uko iyo ngingo yafashwe itashimishije na gato abacamanza, kandi ko yabatangaje, kuko no mu gufatwa batigeze bagishwa inama kugira bumve icatumye bafata ingingo ibuza abacamanza kuja muri sendika, canke bagire imyiyamamazo iyo hagize ikibabakiye. Iyo ngingo nayo ikaba yanditswe mu nteguro y’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro.

Nk’uko bivurwa muri iyo ngingo, ubutungane bugizwe n’abacamanza kandi nta bacamanza bakwiye kwigenza uko bashaka.

Kubwa Jean de Dieu Nduwimana, arongoye SYMABU, iyo ngingo ije kuzivya abacamanza, ikaba kandi n’inzira yo kubuza uwo wese afise ico ashikiriza kugira ico avuga. Uwo arongoye SYMABU yabandanije amenyesha ko abacamanza baja muri sendika kugira barwanye utunenge nk’uguhindurira akazi umucamanza, bigakorwa ata ngingo ikurikijwe itegekanijwe n’amategeko.

"Ubutungane bwari bukwiye kwigenga bukareka kugereranywa n’izindi nzego."

Jean de Dieu Nduwimana akabababazwa no kubona ikibazo c’ukungene ubwigenge bw’abacamanza kiraba igisata arongoye c’abacamanza batigeze bavyiga mu nama rukokoma yabereye i Gitega, kandi cari muvyari kwigwa muri iyo nama.

Asaba Reta biciye mu bushikiranganji bw’ubutungane, ari naho ikibazo kiri, kwirengangiza gufata ingingo yo gufuta kugira imyiyamamaza kw’abacamanza no kuja muri sendika kugira bashikirize akababakiye, gushira ahabona y’ivyavugiye mu nama rukokoma yabereye i Gitega mu kwezi kwa Myandagaro. "Aho kwihutira gufuta sendika y’abacamanza, Reta yoshira mu nteguro nshasha y’ibwirizwa nshingiro ivyashitsweko vyose mu nama rukokoma y’ubutungane, hamwe n’ukwubahiriza itegeko rigenga abakozi n’akazi ry’264, aho rivuga ko abakozi bose n’abakoresha bafise uburenganzira bwo kugira amashirahamwe kandi ko bafise uburenganzira bwo kurwanira no gukingira inyungu z’akazi kabo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.