IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubu bagiye kurindirira mw’ibarabara inyishu z’ibibazo vyabo

Ubu bagiye kurindirira mw’ibarabara inyishu z’ibibazo vyabo

jeudi 18 Mukakaro 2013

Ingingo yo kwirukana abanyeshura bo mu myaka ya kabiri muri kaminuza y’Uburundi yaraye ifashwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, niyo yatumye abo banyeshure baja kwitura ibiro vy’umuhuza w’abarundi ngo batunganirizwe kuri uyu wa kane mu gatondo.

Intandaro ya vyose rero ni yegereyegere abo banyeshure bari bamazemwo iminsi aho bariko barasaba agafashanyo k’ukwezi kwa Ruheshi na Mukakaro. Abo banyeshure ubu bakaba batumenyesheje ko batagira aho bakika umusaya, kuko amazu bahora bariha bariko barabirukana. Mu kigo ca kaminuza kiri ku Mutanga, abanyeshure bamwe bamwe bari bakoraniye kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, abashaka kwinjira nabo bakaba bategerezwa kwerekana amakararata baranga ko biga muri kaminuza y’Uburundi. Kuva ejo ku mugoroba, abapolisi nibo bahanyuragiranwa ndetse kandi, n’ubu mu gatondo abapolisi bakaba bari mu bacunze amayira yose yinjira muri kaminuza ku Mutanga.

Mu vyumba eka ndetse no mumakaratiye atandukanye abo banyeshure babamwo, nta ruja n’uruza rwaharangwa, hari uturwi tw’abanyeshure bake bake, ariko nabo nyene ubona ko ishavu riniga. Aho ku Mutanga, abo twashoboye kuyaga, basaba ko Leta yoza iratanga ako gafashanyo ku gihe, kugira ama yegereyegere yanma ariko aratuma ivyirwa bihagarara agabanuke, aho kwima ako gafashanyo abakagenewe, maze bagaca babahanisha kubirukana. Igihe c’isaha zitanu, niho abanyeshure bari mu biro vy’umuhuza baca basohoka kugira ico bashikirije bagenzi babo bari bamaze amasaha n’amasaha bicaye imbere y’inyubakwa ikoreramwo Muhamed Rukara, umuhuza w’abarundi.

Mu vyo batumenyesheje bahejeje kubonana na bamwe mu bakorana n’umuhuza, abo banyeshure bavuze ibibazo bimwe bimwe bariko barasaba, vyagiye biratorerwa umuti. Aha bakavuga ikibazo c’abanyeshure bari bapfunzwe, agafashanyo k’amezi abiri basaba, ariko mu nyuma bakemererwa agafashanyo k’ukwezi kwa Mukakaro mu gihe ak’ukwezi kwa Ruheshi, ubuyobozi bwa Kaminuza buvuga ko buzobanza kuyaga n’abo banyeshure. Ikibazo bibaza, ni bande bazoyaga mu gihe birukanywe? Ikindi naco kibatangaza, ni ukuntu bakemuye ibibazo bimwe bigatorerwa inyishu, munyuma bagaca babirukana?

Ibiro vy’umuhuza rero bikaba vyasavye abo banyeshure gutegura urwandiko rurimwo ivyo basaba vyose, inyuma yaho hakazoca habaho umurwi uzoba ugizwe n’abaserukira umuhuza n’abanyeshure batanu mu ntumbero yo gutorera hamwe ico kibazo. Ubu rero abo banyeshure bakaba ngo batagira aho barindirira kuko aho baba birukanywe. Ikindi naco, ni ukwo nabo nyene mw’ikoraniro bahava bagira mukanya, niho haza kumenyekana ico bagiye gukora muri iyi minsi birukanywe. Umwe muri abo banyeshure Yves Izere akaba yemeye ko aza kugira ico avuze inyuma y’umubonano bateguye kugiriranira n’abanyeshure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.