IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasabwe gufasha mu matati yo muri Sudani y’amaja epfo

Uburundi bwasabwe gufasha mu matati yo muri Sudani y’amaja epfo

dimanche 2 Ntwarante 2014

Mu mubonano umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Ethiopie, Uburundi bwasabwe ko bwofasha mu gutorera inyishu amatati ari mu gihugu ca Sudani y’amaja epfo.

Getachew Reda, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Ethiophie, mu rugendo yarimwo mu Burundi, yari aje azanye ubutumwa bwo gusaba ko Uburundi bwoterera agacumu k’ubumwe mu gutatura indyane ziri mu gihugu ca Sudani y’amaja epfo. Inyuma y’uwo mubonano wabaye ku munsi w’ejo ku munsi wa gatandatu, Gervais Abayeho, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi ajejwe gutanga amakuru, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemeye ko ico kibazo kigiye kwigwa muri Reta y’Uburundi, ariko ko bazofasha nk’uko bisanzwe bikorwa mu bindi bihugu nka Somaliya, Centrafrika, Haiti n’ahandi.


IGIHE

Messages

  • Ivyakinogihe biratangaje pe! Ni gute igihu nk’Uburundi bufite indyane zapolitike,ubunyonyezi bw’amatungo ya reta,ubwicanyi bwabatavuga rumwe numugambwe Uri kubvegets CNDD FDD, kutubahiraza agateka kazina muntu, bwokwiyemeza kugufasha gutora umut amatati yabanyasudani yamaja epfo gute ubwaco buda bwananiw kwitunganya? Uwogra uwobshnbora anyshure.

  • Ijambo ryose ry’ubwizigirwa ni ryiza, kuba Uburundi bushobora kwizigirwa nivyo gushima Imana ukurikije ibihe twaciyemo! Ariko kandi ndaguye ndagarutse; Burya aba bantu ntibashobora gusamaza abarundi ngo;babahaye amabanga y’ubwizigirwa kandi iwabo hari ikivumbiko c’umubanga bagahugira kuzimya urubeya ruri ahandi, bagahindukira iwabo ari umuyonga?

    Nyabuneka hera mu maso mukwisiga!. Jewe mfise amakenga kandi kubwanje afise ishingiro. Enda babatama babonana bagahana ibigongwe agahengwe kakaza basubire bavyicarire kandi barabako "Nkingira Ngukingire itatitutse" Uburundi umugera atari uwa SIDA, uraburembeje n’umva agahinda kuko bugiye kuba nka Congo Kinshasa, Congo yoyo n’uko ababatera haraho bahugira ku mabuye y’agaciro none ieacu bazohugira kuki?, abazosigara tuzohitana Abatanzania tumanukana iyo tutamenya. Sinzonuma ngihema Uhoraho nabona bitankwiye arabintabara!

  • Zizoba zibariyeAmakungu aguma yizera intagoheka zacu kuko akazi zirzkazi muzobaze inkotanyi zirazi uko abasoda bacu bakora.FDLR haguruka mwivune umwansi wabanyarwanda ubutegetsi bwigitugu.harya ngo Busokoza na Kagame bashaka kwica nkurunziza?

  • Ahubwo mbona ari akaryo ko kuronderera barya bahora mw’ishamba aho baja guca makeyi. Mbe ni kuki barindira ko baza kubibasaba. Mubisanzwe ni u Burundi buba bwarasavye gufasha apana ko babisabwa.

  • Barundi Barundikazi namwe Rwaruka, kuvuburundi buvuye mundryane zamoko igisirikare cuburundi (abajejwe umutekano wuburundi) bavyifashemwo nezabirenze ukwemera. ivyovyakunze kuberiki? nikubera bakomeje kwirinda kwumviriza ubwoburwiburwi bwimigambwe, ivyobababwira barabiyama maze bakababwire ngo akosikokazi twiyemeje bati twebwe turabasirikare (abajejwe umutekano) wu Burundi nabarundi bose dukorana nabarundi bose mugiherero ujekutwihererekanya tugufata kumwasi wigihugu nabarundi.
    NDABASAVYE MUTAHURENEZA AYOMAKUNGU IGITUMA AGUMAYIRUKA INYUMAYU BURUNDI, NTABWO BAKENEYE lEONCE NGENDAKUMANA, NTABWOBAKENEYE, ALEXIS SINDUHIJE, NTABWOBAKENEYE KARORI NDITIJE, NTABWOBAKENEYE MUNGWEGEZI, NTABWOBAKENEYE, UTWOTURWITURWI TWIRIRWA TUVUGA IBINYOMA KUMA RADIO NOMUBIMENYESHA AMAKURU, Ndibaza ko abiyise ba Hatungimana na Ntimpirangeza, bibajije ko arabobantu ndondaguye amakungu akeneye ngahamu Burundi, ahibambewe abonabarundi ariko iyaba arimwenabo twiremyeko ngahamu Burundi nanje ndabibemereye ntanuburundi bubabukivurwa kukontawohamagara abantu nkabo ngobagende gufasha. Bikenereye intungane abakunzi bigihugu nabarundi vyukuri atarikumunywa, abonabo bakenewe muburundi kurwego mpuzamakungu ni gisirikare cu Burundi.

  • wewe wiyita Mama,kuruguturamatwi nkubwire uburundi si nkurunziza eka namba wumvise ngo batumyeko we?wewe urazigituma ashaka guhindura ibwirizwa shingiro sukatinya kujimbere yubutungane!numva ngo murabagabo simbonahobifatiye abowatondaguye ejo buraca

  • Kagame nibyo yashakaga kwica kikwete nuko Nkurunziza abibwira Kikwete none ubu Kagame yanga Nkurunziza. Kuva aho Kagame akubitiwe muri Kongo amafaranga yirwaga yiba yubaka amazu i Kigali ubu yarabuze none ari gushaka ikindi gihugu yashoramo intambara hanyuma kugira ngo akomeze yibe. Ibyo kwica Nkurunziza cyangwa kikwete byo aribeshya kuko bazamuvunira umuheto. Muminsi ishize yirataga ko afite abasoda bakomeye gusa muri kongo bamukubiseiminsi itatu none ubu areba nk’umusega . Ibyo kuvuga ngo azatsinda FDLR byo agomba kubyibagirwa kuko umunsi FDLR yahagurutseazatangira gusuragurika no gukora pipi mu ipantaro

  • «Gervais Abayeho, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi ajejwe gutanga amakuru, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemeye ko ico kibazo kigiye kwigwa muri Reta y’Uburundi, ariko ko bazofasha nk’uko bisanzwe bikorwa mu bindi bihugu nka Somaliya, Centrafrika, Haiti n’ahandi.»
    Yavuze neza murundi1Bazogenda bace inoti hanyuma baze baracikishako nka ya 200$ batwara abari muri Somalie maze IMBONERAKUZE ZIHATORERE AKOYOKWE.
    Naronse amakuru yizewe ko ayo mahera ahemba Imbonerakure zitanga gusumvya izndi ayandi akubaka Amagorofa y’aba Généraux bamwe bamwe!

  • @Sivyubu, subiramwo usomeneza jewe ntazina ryitwa Nkurunziza nigeze nandika niwewe urizanyemwo!!! Ariko iconzinuko umurundiwese agiyegufasha ahobikenewe kwa Nkurunziza numunezero ntangere, gusasinzikuzi ico umukuru w’IGIHUGU bisigura.

  • Kagame nareke UBURUMDI n’abarundi aho yahereye,abarundi baciy’umugani ngo uwubundabunda abonwa n’uhagaze,nagezaho ivyo yakoze birazwi,uhereye kw’iyicwa rya Prezida NDADAYE,HAVYARIMANA,NTARYAMIRA,amasinzi y’impunzi yiciye muri Congo,abo bitavugarumwe,eka nabandi....twebwe abantu bato bato ntitubimenya,ariko abashakashatsi basoma kuri internet barabisoma,none agomba yiyongeze Prezida wacu n’uwa TANZANIA,yabaye nka kumwe kwa Herode dusoma muri BIBILIYA yera,mugitabo (c’ivyakezwenintumwa 12:1-24)yarakwiye kwihana ku Mana kuko n’inyembazi,akakira umwami Yesu Kristo,agaheba ubwicanyi n’icubahiro co mw’isi.mugitabu c’uwavugishwa n’Imana YESAYA 1:16-24 Baciy’umugani ng’umukecuru yafatishije inkware ukwaha iy’abonyigurutse aca atega ukwaha yibaza ngw’irinjira akabura,akamenyero kic’inkware,ntazoshobora Prezida wacu NKURUNZIZA,na Prezida wa TANZANIA,ngirango KAGAME yarabonye akarore muri R.D.C,ngejej’aho guhanura KAGAME hamwe m’abarota kwica murakoze,mugabo bamenye ko Imana izohana abanyavyaha.

  • Guys mureke amatiku mushake icyubaka igihugu cyanyu si non de generation et des generation za barundi muzaguma inyuma mumitwe no mubikorwa kdi ntacyo mubuze ngo mugere kuvyiza....! Kagame abatwaye iki koko? , ko abarundi mwanze mukaba mwishwe nanamatiku nibitekereza bishaje! Mainteneant ca souffit Il faut que ca change by Yvan castano... si you are all died in your mind!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.