IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa kaminuza burasigura icatumye bakata amafaranga ku gafashanyo (...)

Ubuyobozi bwa kaminuza burasigura icatumye bakata amafaranga ku gafashanyo k’abanyeshure

dimanche 27 Mukakaro 2014

Ubuyobozi bujejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko bwakase ya mafaranga 7000 ku gafashanyo k’abanyeshure bivuye ku minsi indwi bamaze batiga bari muri yegereyegere bakoze mu kwezi kwa Rusama.

Inyuma yaho abanyeshure bo muri kaminuza biyamirije ingingo yafashwe yo kubakata amafaranga 7000 kuri ka gafashanyo baronswa, ubuyobozi bujejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi burasigura imvo zatumye babakata ayo mafaranga, buvuga ko vyavuye ku mwanya abo banyeshure bamaze bari muri yegereyegere yabaye mu kwezi kwa Rusama, iyo nayo ikaba yamaze iminsi indwi.
Mw’itangazo bwasohoye igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014, mu buyobozi bujejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi bamenyesheje ko babikoze bisunze ingingo y’100/07 yo kuwa 14 Nzero 2014, ijanye no gutunganya gushasha ivy’agafashanyo, aho ako gafashanyo kazohora gakatwa iminsi yose umunyeshure azoba yanse kuja mw’ishure, naho yoba yari yegereyegere.

Abanyeshure bamirira kure iyo ngingo, bakavuga ko idafise ishingiro, kuko ata ngingo n’imwe iri muri rya tegeko ryasubiramwo gushasha ivy’agafasahanyo ikwiye kuja mu ngiro mu gihe hataraba ya nama kaminuza yerekeye indero itegekanijwe mu kwezi kwa Gitugutu. Ivyo bakavuga ko mbere bari bavyemeranije ca gihe bava muri yegereyegere. Abo banyeshure basigura kandi ko iyo minsi basivye bari muri yegereyegere bishuza agafashanyo kabo. Abo banyeshure bariyamiriza iyo ngingo ndetse bayifata nk’ubunyonyezi buriko bubagirirwa.

Abo banyeshure basubira kwibutsa n’ayandi mafaranga ibihumbi bine yakwa umunyeshure ahaye indaro uwundi (frais pour maquisard). Bagira bati : "Turashaka kumenya uwutwara ayo mafaranga hamwe n’iyo aca ajanwa, mu gihe ata tegeko na rimwe ritegekanya ivyo".

Abo banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basaba amashirahamwe yishinze kurwanya igiturire no kunyonyeza amatungo ya Reta gukurikiranira hagufi ico kibazo cama cibonekeza muri kaminuza y’Uburundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.