IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ukurenganura abahejeje uw’icumi vyahawe ubushikiranganji bw’amashure mato (...)

Ukurenganura abahejeje uw’icumi vyahawe ubushikiranganji bw’amashure mato mato

samedi 4 Gitugutu 2014

Ibikorwa vyo kurenganura abanyeshure bahejeje umwaka w’icumi bigiye kuzohora bikorerwa mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ay’asumbuye, mu gihe vyahora bikorwa n’umurwi washirwaho.

Abanyeshure bahejeje umwaka w’icumi bakeneye kurenganurwa bagiye kuzohora bitura ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ay’isumbuye. Iyo ngingo y’ubushikiranganji ikaba yatangajwe kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 3 Gitugutu, nk’uko vyashikirijwe na Ncamumikani Tharcisse, umukuru w’umurwi wari ujejwe kurungika abanyeshure bahejeje umwaka w’icumi mu bisata bitandukanye (Orientation).

JPEG - 34.5 ko
Ncamumikani Tharcisse, umukuru w’umurwi wari ujejwe kurungika abanyeshure bahejeje umwaka w’icumi mu bisata bitandukanye (Orientation).

Iyo ngingo yafashwe isaba uwo murwi wahora ubikora kuba wahejeje kwandika abo bose basavye kurenganurwa gushika kuwa 6 Gitugutu 2014 isaha zitandatu, kugira bashobore kwiga ibibazo vy’abazoba babituye.

Muri iyo ngingo bibutsa kandi abavyeyi n’abanyeshure barondera amashure afise uburaro ko ata bibanza bisigaye vyo kubakira, ari naco gituma babasaba kuguma ku mashure bari barungitswemwo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.