IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Elly’s Boy > Inkuru > Umuririmvyi Elly’s Boy yari yanyurujwe yatowe aboshe kandi yuzuye (...)

Umuririmvyi Elly’s Boy yari yanyurujwe yatowe aboshe kandi yuzuye inguma

mardi 13 Nzero 2015

Umuririmvyi Elly’s Boy yari yanyurujwe yasubiye kuboneka yuzuye inguma ku maboko no mu maso. Yafashwe yitiranijwe na Mkombozi, aho no mu muduga yagiyemwo havuzwa ururirimbo "Nzeyimana" rwa Mkombozi nyene. Elly’s Boy ubwoba ni bwinshi kubera abamunyuruje bamubwiye ko hagize ico abwira abamenyeshamakuru azokwicwa.

JPEG - 63.7 ko
Elly’s Boy mu cumba c’indembe muri Hopital Militaire

Inyuma y’igiteramo co kw’igenekerezo rya 11 Nzero cabereye mu Buhonga mu ntara ya Bujumbura cakozwe na Elly’s Boy na mwenewabo Mkombozi, Elly’s Boy yahavuye afatwa igihe c’isaha cumi na zibiri zirenga z’umugoroba (18h00) kuri iryo genekerezo nyene. Nk’uko uwo muririmvyi abitubwira, yafashwe n’abantu bari mu muduga wo mu bwoko bwa "Prado" itagira inomero ndangamuduga kandi abamufashe bari bafise inkoho za Pistolets. Elly’s Boy avuga ko ashitse mu muduga baciye bamupfunga mu maso maze bashiramwo ururirimbo "Nzeyimana" bamubwira ko uwo munsi abaririmbira, nawe akavuga ko urwo ruririmbo ariwe yaruririmvye. Inyuma y’amasaha atari make mu muduga, bashitse ahantu bagenda n’amaguru baca mu bishanga no mu biti bagenda baramukubita, hama bashika ahantu baca bamukura ca gitambara mu maso maze baramufotora. Bamaze kurungika iyo foto hari uwaciye abwira abo bamunyuruje ko uwo atariwe ko barondera Mkombozi. Aho hose yaguma akubwitwa akubagurwa bamubaza aho Mkombozi ari, aho akunda guteramira n’inomera za ngendanwa yiwe. Igihe c’isaha icenda z’ubuca kw’igenekerezo rya 13 Nzero, Elly’s Boy yagarukanywe imbere yaho bamukuye aboshe amaguru n’amaboko, ari nakwo gutabarizwa n’abanyezamu, agahava atwagwa kwa muganga kuri "Hopital Militaire" aho yashikiye mu cumba c’indembe ariko Imana yarankinze uwo muririmvyi yasubiye aho asanzwe aba kuri uwu wa kabiri.

JPEG - 44.6 ko
Elly’s Boy na Mkombozi bakiri mu giteramo

Elly’s Boy avuga ko abamufashe atashoboye kubamenya ariko asaba ko umutekano wiwe wokingirwa hamwe n’uwabandi baririmvyi bariko bahigwa buhongo, aha avuga Mkombozi, Lion Story na N John yahavuye ahunga n’igihugu c’amavukiro yiwe.

Mwomenya ko abaririmvyi atari bake bari kuraba uwo mugenzi wabo yaraye agarukiye iyo rwotera izuba, ariko abo bose barafise ubwoba aho bamwe muribo banse kugira ico bavuga kubera ikibazo ca Mkombozi ari ikibazo ca poritike.

JPEG - 172.5 ko
Mkombozi na Elly’s mu giteramo

Subira kandi mwumvirize ururirimbo "Nzeyimana" Mkombozi ariko arazira

Umviriza ururirimbo "Kumbuka"rwa Elly’s Boy


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Signe de totalitarisme: chasse aux intellectuels, artistes et ’ marginaux’! Ex: Pol Pot!

  • Umuririmvyi afise ubure nganzira bo gushikiriza ubutumwa bwiwe abicishije mundirimbo ivyo vyerekana ubutegetsi bubi nico gituma ututegetsi bwo kwica tutakibukeney dukeneye igihugu cacu kiba christian nation not abiyambiyambika amakote yu bu pasteur bamaze inganda that why as people we need change.now

  • "Sinababara nisha, nababara mpushije." Il ne croyait pas si bien dire notre fils Mkombozi. Finalement! Je suis Elly’s BOY. HASTA LA VICTORIA SIEMPRE! UVUMWA NA BENSHI UGATOTA! Pas vrai ça les potes?

  • "Sinababara nisha, nababara mpushije." Il ne croyait pas si bien dire notre fils Mkombozi. Finalement! Je suis Elly’s BOY. HASTA LA VICTORIA SIEMPRE! UVUMWA NA BENSHI UGATOTA! Pas vrai ça les potes?

  • "Sinababara nisha, nababara mpushije." Il ne croyait pas si bien dire notre fils Mkombozi. Finalement! Je suis Elly’s BOY. HASTA LA VICTORIA SIEMPRE! UVUMWA NA BENSHI UGATOTA! Pas vrai ça les potes?

  • JE SUIS ELLY’S BOY
    JE SUIS MKOMBOZI

  • ivyo bintu biragayitse kuko ntibihesha iteka igihugu cacu.... tuvire hasi rimwe twiyamirize ivyo biriko bigirirwa abo ba rasta bacu.

  • Aka karirimbo karyoheye ugutwi.

  • Aba dd nubu bigenza nkinyeshamba kandi bari kubutegetsi, barafise nigisoda parallele, barafise nabajejwe guhungabanya agateka ka zina muntu(IMBONERAKURE) nohanura Mkombozi kwinyegeza kuko aba dd baramufyeta kuko ntibigeze bavavanura ninyifato y-ishamba. Ubu ntibazi umwansi wabo, ugize critique babona ko uriko urwanya ubutegetsi, ariko nibitegure babise abandi turarushe,None bashaka abasubira kuja i Mutabira.Ubu hazosohoka indirimbo ahubwo zishira ahabona amanyanga bakora.

  • Igihecose umuririmvyiwese azoza arakoporora amajambo abanye politike birirwa baravuga akabariyo ashiramukajwi ngonindirimbo sinovugango azogirirwa nkuyu ariko ntaterambere aziveraronka muruwomuzimiwiwe. Nambamugirandababesha akakanya muribagiyeko ayomajambo avugango rekura iyontama arayabanye poritike birirwabararidimba igihe rya Mbonimpa ryarimwibuye? Nonemwumva uwomuririvyi atarivyoyiririmbiye!? Nonenkubu uwokoranyabantu akaririmba turyaturirimbo twa CNDDFDD abobanyamigambwe ntibomurabya mbereboruhukira muri ONU!

  • Harageze ko Abarundi twubahwa nk’abandi bantu baremwe n’Imana. Kaciye ingani uko ubutegetsi bwose buje bugume buhitana inzirakarengane ? Abatwara ubu mbere n’abagiye kubasubirira ni bamenye ko UBUZIMA BW’UMUNTU ARI INTAKORWAKO ( la vie de l’homme est sacrée) .Imana yo ubwayo yarihanikirije uwo muntu wese yaba uwutwara yaba canke uwudatwara kwica.Abo bantu bitwa ngo barategeka uyu musi n’abategetse aho hambere , biha canke bihaye ububasha bwo gusesa amaraso y’abarundi bene wabo "n’abamenja" kandi igihe cabo co gukurwaho kirashitse.Nta cicaro c’iteka bagifise muri iki gihugu kuko bagararije AMABWIRIZWA Y’IMANA .Ndasemereye n’ijwi rirenga ngo baharike kwica no kuboreza igufa abo bita abansi kandi ari ababahanura .Uburundi turabusangiye ,ntibigire ibikoko kuko igihugu c’uburundi s’igihugu gisanzwe n’igihugu c’IMANA , kuko yaramaze kwishura ivyo twayisavye na cane cane AMAHORO N’ITARAMBERE RY’ABARUNDI BOSE atari iterambere ry’abanyamugambwe kanaka .Iyo MANA dusenga yaratabaye kuko Amakungu atwitayeho ku buryo butari bwigere buboneka.Raba MENUB , UE, USA, UA, bose baraje gukiza uburundi muguhagarikira amatora ku buryo budasanzwe .La CNI ne va pas danser seul dans ce processus électoral en cours, que l’ Etat le sache bien , les burundais sont gaté par Jesus -Christ notre sauveur. Imibabaro n’agahindi kuzuye imitima y’abarundi irazimanganijwe n’Uhoraho kandi dusabwe kwiyeza no kwizera .Inkazi n’abicanyi teshwa mute muhindukirire Umuremyi wanyu , mutegere ko ari we n’ububasha bwose.Mbere ugutegeka gukomoka kuri we ,uwubukoresheje mu kwica , kurimbura ,kunyaga, gucinyiza,...aba aciye kubiri n’ishaka ryayo, ica IMWIGIZA KURE y’abantu bayo .Uburorero ni bwinshi: SADAMU ari he? Usama BEN LADEN ari he? Kadafi ari he? MOBUTU ari he? ,..la liste est longue. Uwufise amatwi yo kumva ni yumve kuko " Politique si ukunywa amata " d’après,...We uri muri ivyo vyo gutoteza abandi sigaho ureke Démocratie ishinge imizi kugira twese abarundi tureke kuguma turi abaja b’abandi kuko ata n’umwe arekuriwe kugira abandi abaja babo.IGIHE S’iki.

  • ELLY’S BOY NIYIGANGANE KUBERA ABARUNDIBARININZIGO ALIKO UMENYEIMUHIRAIWACHUKWALIIKIGOMA

  • Bahigwa Kuberiki? Nigiki cotuma ahunga mugihugu camavukiro yiwe?

  • bamuhigir iki? kuberiki ahunga igihugu camavukiro yiwe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.