IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango wa Sant’Egidio Burundi wagiriye Noel abatagira ic’epfo na (...)

Umuryango wa Sant’Egidio Burundi wagiriye Noel abatagira ic’epfo na ruguru

jeudi 26 Kigarama 2013

Abana bo mw’ibarabara, abageze mu zabukuru, abana baba b’impfuvyi baba mu bigo vyo mu Kinama na Jabe eka n’abandi batari bafise uburyo bwo kugira umunsi mukuru wa Noel, umuryango Sant’Egidio Burundi warawubagiriye, mu kubaha imfungurwa, ico banywa, mu ntumbero yo kubanezereza nk’abandi ba Kristu bose bariko baranezerwa mu kwigina ivuka rya Yezu Kristu.

Nk’uko Nyamiyonga Eric arongoye umuryango Sant’Egidio mu Burundi yabitumenyesheje, abatishoboye amajana icenda na mirongo itandatu na babiri nibo bagiriwe umunsi mukuru wa Noel, mu ntumbero yo kubanezereza nk’abandi bose. Avuga ko umuryango Sant’Egidio wama ugira igikorwa nk’ico kuri Noel, mu ntumbero yo kwiyegereza abantu batishoboye, abantu batagira ababo ngo babahimbarize umunsi mukuru wa Noel, abana b’impfuvyi, abana bo mw’ibarabara, abapfunzwe batagira ababagarukirako, abari mu bigo vy’abageze mu zabukuru, n’abandi.

Eric Nyamiyonga arongoye umuryango wa Sant’Egidio mu Burundi

Eric Nyamiyonga ntiyibagiye gushimira ababafashije kugira ico gikorwa bashobore kukirangura. Aha akaba yashimiye ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bwabahaye umuceri, eka n’ishirahamwe Alpha CD Technology ryabafashije muri ico gikorwa co guhimbariza abagowe uwo munsi. Nyamiyonga akaba avuga ko amafaranga angana hafi imiriyoni zitatu z’amarundi, ariyo bashoboye gukoresha mu.

Bamwe mu bariko baragirirwa umunsi mukuru, bakaba batumenyesheje ko bashimiye rwose uyo muryango w’abagiraneza, bashoboye kubagirira umunsi mukuru nk’abandi, kuko bobo batabona ukwo baza guhimbaza Noel nk’abandi. Maria Niyonkuru umwe mu batamakazi twayaze, akaba yasavye n’ayandi mashirahamwe y’abagiraneza, gufasha abantu batishoboye, mu kubagirira umunsi mukuru mwiza nk’uyo, kuko abadashoboye kunezerwa ku minsi mikuru haba uwa Noel canke uw’umwaka mushasha ari benshi mu Burundi.

Tukaba twobamenyesha ko, abantu bava mu makomine ya Musaga, Buterere, Kamenge, Kinama n’ahandi, bahawe Noel n’umuryango wa Sant’Egidio mu Burundi. Eka bakaba banatwaye n’imfashanyo mu kigo c’abageze mu zabukuru citiriwe Rizabeti Mweranda. Inyuma yo gufungura, abari aho bakaba baratamvye baratarika, mu guhimbaza umunsi mukuru w’ivuka ry’umwana w’Imana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.