IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umushikiranganji Rose Gahiru asaba abari mu myiyerekano ko hatojamwo abana (...)

Umushikiranganji Rose Gahiru asaba abari mu myiyerekano ko hatojamwo abana bakiri bato

lundi 4 Rusama 2015, par IGIHE

Umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, Rose Gahiru asaba abavyeyi kurungika abana kw’ishure , abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza abasaba kwubahiriza agateka k’abana.

JPEG - 56.7 ko
Rose Gahiru,umushikiranganji w’ inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye

Mu kiganiro n’abanditsi co kuri uno w’ Imana, umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, umupfasoni Rose Gahiru, aributsa abavyeyi ko ikirangaminsi c’umwaka w’ishure kitarahinduka. Ubwo bushikiranganji buributsa kandi ko ca kibazo concours national co mu mwaka wa gatandatu gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye, ko gitegekanywa gukorwa, kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Rusama uno mwaka w’2015.

Umushikiranganji Rose Gahiru asaba abariko bagira imyiyerekano kwubahiriza agateka k’abana bagashobora kuja ku mashure, bakirinda ko hajamwo muri iyo myiyerekano abana bakiri bato.

Umushikiranganji Rose Gahiru asaba abavyeyi nabo kurungika abana kw’ishure. Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bufashe ingingo yo kwirukana mu bigo vya kaminuza abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi kubera imvo z’umutekano, nk’uko vyashikirije n’umushikiranganji Yozefu Butore.

Tubamenyeshe ko kuva iyo myiyerekano itanguye abanyeshure bakaba batarasubira gutonda ku mashure, n’abanyeshure baba mu ndaro bakaba baratashe ahatari hake yaba mu gisagara ca Bujumbura hamwe no hagati mu gihugu kubera umutekano muke.


Floxella Karire

Messages

  • Mbese abategetsi babaye bate?aho ayo abasaba kuja kumashure aba yumva ari mukuri?baramenyere abo bicira mumasomo ubu babariwe kuko ntabaga rikihari ndetse nta surprises.najane abiwe bige abandi tuzaba tubajya nyuma ubu ikibazo ni mandat.system.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.