IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umwaka w’ishure 2014-2015 buca utangura ingorane zikiri nyinshi

Umwaka w’ishure 2014-2015 buca utangura ingorane zikiri nyinshi

mardi 19 Myandagaro 2014

Umwaka w’ishure 2014 ushira 2015 witezwe gutangura ku genekerezo rya 8 Nyakanga, ukazotangura hari ingorane nyinshi nk’uko bishikirizwa na Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB.

Ku genekerezo rya 8 Nyakanga niho hategekanijwe iyugururwa ry’umwaka mushasha w’ishure w’2014 ushira uw’2015. Ariko rero, n’ubwo hadasigaye ikiringo kinini kugira uwo mwaka w’ishure utangure, Eulalie Nibizi umukuru wa sendika STEB amenyesha ko ugiye gutangura ingorane ari nyinshi mu gisata c’indero. Atanga uturorero tw’amashure ari make atarahezwa kwubakwa muri rya shure shingiro, ibitigiri vy’abanyeshure vyiyongeye gurtyo ugasanga haca haba ingorane y’intebe zidakwiye, ibitabu bike, ivyo vyose bikaza bisubiza inyuma ubumenyi.
Kubwa Eulalie Nibizi, hari ingaruka ku nyigisho kuko abana ntibaheza ngo bamenye ku rugero rushimishije, mbere n’umwigisha bica bimugora gushika kw’ihangiro yiyemeje kuko aba yahuye n’utugorane tutari duke.

JPEG - 80.2 ko
Eulalie Nibizi, umukuru wa sendika STEB

Eulalie Nibizi amenyesha kandi ko izo ngorane zose zica zihurirana n’uko umwigisha asanzwe atanezerewe mu mutima, nawe nyene kuko Reta isa n’iyibandanya yica amatwi mu gushira mu ngiro ivyo abigisha basaba.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.