IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwotsi uva mu ziko niwo urangwa imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

Umwotsi uva mu ziko niwo urangwa imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi

mardi 28 Nzero 2014

Imwe mu miryango yaje iva mu ntara ya Kayanze co kimwe n’abandi bo mu Rumonge mu ntara ya Bururi bagandagaje imbere y’ahakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bose bakamenyesha ko kuhava atari uyu munsi, hamwe batoronswa ijambo ritomoye ku vyo baje gusaba umuhuza w’abarundi.

Muri ivyo bibazo, bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bagandagaje imbere y’ahakorera umuhuza w’abarundi bakamenyesha ko baje gusaba Mohamed Rukara ko yobasabira amafaranga yabo arenga imiriyaridi zine, ayo nayo bakayishuza ku bikorwa bakoze vyo kurwiza imivyaro y’ivyamwa, aho bamenyesha ko hafi imivyaro yakoze mu gihugu cose yava aho mu Kayanza. Abo banyagihugu bo mu Kayanza, bakavuga ko imyaka itatu iheze bariko barishuza, none ubu baje baziyeko. Bakaba bamenyesha ko bafise icizere ko bizogenda neza bakaronka utwo babiriye akuya, kuko yaba Reta yahawe imivyaro y’ivyamwa ikaja kuyikwiragiza, itayobewe ko umukozi aberwa n’ingero.

Abandi nabo baje bava mu Rumonge, bakaba bari baje bikoreye ibisigarira vy’imyumbati, ibiyoba, ibigori, amateke n’ibindi biterwa vyinshi, bavuga ko vyaranduwe na musitanteri Gerard Ndikumana arongoye iyo komine, afashijwe n’abaporisi. Umwe mu banyagihugu baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, akamenyesha ko batigeze bamenyeshwa imvo nyamukuru yatumye imirima yabo irandurwa.
Bagiriza musitanteri kuba akoresha inguvu, akarungika abaporisi bafise inkoho bari kumwe n’abandi bakozi ba komine, bakabakubita, bakababuragiza, imirima yabo igatemwa barorera ataco bari bukore. Basaba ko uyo musitanteri yabaranduriye imirima iri ku Rukinga aho mu Rumonge, ko yorenguka, akareka kwitwaza igihagararo afise, kugira yisigure kucatumye abatemera imirima, kandi yirengagije inzara isanzwe irangwa mu gihugu. Nk’uko twavyiboneye, hakaba harimwo ibikoti biboneka ko vyaranduwe, imyumbati nayo igasigara mu kuzimu.

JPEG - 39.3 ko
Bagiriza Musitanteri kuba ariwe yabaranduriye imirima yirengagije inzara iri mu gihugu, bagasaba rero ko yorengutswa mu butungane akavuga icabimutumye

Yaba abaje kwishuza imiriyaridi zabo zirenga zine z’amafaranga y’amarundi, yaba abaje bikoreye imirima yabo yaranduwe na musitanteri Gerard Ndikumana, abo bose bamenyesha ko kuva ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara atari uyu munsi, mu gihe ibibagenza bitokwicarirwa, kugira bironswe inyishu irama.


Aristide Nizigire

Messages

  • amakuru twahawe n’abakora nzego zijejwe iperereza ryo mu gihugu hagati aravugako CNDD yagomba irase abo banyagihugu kugira itere ubwoba abasigaye kugira basubire iyo baje bava. Iyo nyifato ikwiye kugawa n’umurundi wese eka tukanka ubwo bubisha bw’uyu mugambwe.

  • Namwe Igihe,mushobora kuba mutatohoje neza iyo nkuru.Bishop Peter Nkurunziza,yoba atarishura ideni ryumunyagihugu,yamukoreye??oya nukuri ntapfume afata ideni,amarira yabo bantu ntashike imbere y’Imana.kuko itobura kubaburanira.hanyuma amenyeko nubwo ari umukuru wigihugu,Umukuru ntabura mukuruwe,hariho Imana igenzura vyose.

  • Ariko Umukuru w’igihugu ntaterw’isoni nabo bantu bagandagaje ngaho baribafise ikindi bakora? Canke umuhuza aratinya umukuru w’igihugu gushikaho atomubwiz’ukuri? Ni batiny’Imana basi baherez’utwabo abo baribabizeye.

  • Ukuri muri ivyo vyose, mbona ko abategetsi bose bakwiye gukoresha abanyagihugu hama bakabahemba. Ibi vyo guheranira benegihugu bashonje, bitera rubwa n’akajagari mu gihugu. Ikindi ntategera, si umuhuza Mohammed Rukara yabwirizwa gushikirizwa izo ngorane. Umuhuza yiturwa iyo impari zabuz’umuti. Rero, mu gacimbiri kose no ku mutumba, hari abarongozi. Hejuru hakaza Musintanteri na Buramatari. None abo bantu barinze bava mu Kayanza no mu Rumonge, boba barituye abo bategetsi bose bitoreye hama biranka?

  • Mbega iyo mivyaro y’ivyamwa vyatewe he? ko amavoka ataboneka kw’isoko urazi ingene azimvye?! ahubwo harakwiye amatohoza ataho yegamiye kuko izo miliyaridi zose ntankeka zaribwe. Abo banyagihugu nabo nibaza ko bafise amaso n’ubwenge ni babone biyumvire amabi bariko barabona, ni gihembo caho babatoye?! igikenewe muri 2015......................... ikibwirwa n’icumva icerekwa n’ikibona! murabehoooo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.