IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urwaruka rwa FRODEBU Nyakuri rwituye umurwi CNIDH

Urwaruka rwa FRODEBU Nyakuri rwituye umurwi CNIDH

lundi 31 Ntwarante 2014

Urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri rurarajwe ishinga n’ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bahagaritse ivyigwa. Mu gihe iryo hagarikwa ry’ivyigwa ryafashe umwanya munini, bamwe mu banyeporitike nabo bakaba batanguye guha iyindi ntumbero ico kibazo, urwo rwaruka rwa FRODEBU Nyakuri rwasavye umurwi CNIDH ko wotunganya ibiganiro.

Kuva aho umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji ajejwe amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bashiriyeho amategeko mashasha ahindura ingene agafashanyo kahora gatangwa, abanyeshure ba kaminuza za Reta baciye bahagarika ivyigwa, bagasaba ko izo ngingo zosubirwamwo, kuko ku bwabo zije gukumira bamwe, cane cane abanyeshure bavuka mu miryango ikenye bahora basahirizwa n’ako gafashanyo.
Urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri rwasavye Reta ko yosubiramwo izo ngingo zicinyiza abanyeshure bo mu miryango ikenye yo mu gihugu hagati, abafashe iyo ngingo nabo bibuke ko nabo bashoboye kwiga amashure ya kaminuza bafashijwe n’ako gafashanyo.

David Niyoncungu aserukira urwo rwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri abanyeporitike kutiyitirira ico kibazo mu kugiha intumbero ya poritike canke amoko, kuko ibiriko birasabwa n’abo banyeshure biraba abana b’Uburundi bose. Yaboneyeho n’ugukeza abanyeshure ba kaminuza za Reta bagumye bafatanye mu nda, birinda ababacamwo imirwi, bashikiriza kandi ivyipfuzo vyabo mu mutekano ntangere.

Uwo aserukira urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri asaba umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) ko woja hagati, ugafasha mu biganiro, kuko ibiriko bisabwa n’abanyeshure ba kaminuza za Reta ari agateka kabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.