IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwurongoye ishirahamwe ry’abahoze ari abasirikare ari mu minwe (...)

Uwurongoye ishirahamwe ry’abahoze ari abasirikare ari mu minwe y’igiporisi

mardi 10 Ruheshi 2014

Abajejwe umutekano barabujije ku munsi w’ejo kuwa mbere urugendo rw’abahoze ari abasirikare bashaka kwishikira ahakorera INSS mu rugendo rwo gusaba ko boronswa amafaranga arenga imiriyaridi 35 z’amadorari y’amanyamerika baheraniwe na Reta. Uwutwara iryo shirahamwe ry’abahoze ari abasirikare yaciye atabwa muri yompi, hamwe na bamwe mubo bari kumwe.

Ishirahamwe AMINA (Amicale des Militaires en Non Activité) rihurikiyemwo abahoze ari abasirikare, basigaye ari abakukuruke. Kuri uwu wa mbere, bari bateguye urugendo hagati mu gisagara, kugira bishikire ahakorera ishirahamwe INSS ( Institut National pour la Sécurité Sociale) rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi. Nk’uko abo bahoze ari abasirikare babisigura, bashaka kuja gusaba ko botunganirizwa, bakaronswa amafaranga arenga imiriyaridi 35 z’amadorari y’amanyamerika baheraniwe na Reta. Bugingo batari bwatambuke na kabiri muri urwo rugendo bari bateguye, igiporisi caciye kibashiragiza, bamwe muribo bataramenyekana igitigiri baciye batabwa muri yompi, harimwo n’uwurongoye iryo shirahamwe, Karori Katihabwa.

JPEG - 34.3 ko
Karori Katihabwa, umukuru w’ishirahamwe AMINA (Amicale des Militaires en Non Activité)

Abo bakukuruke bahoze ari abasirikare bamenyesha ko ari akamaramaza kubona igiporisi gifata abantu batari mu midurumbanyo, bashaka kugira urugendo mu mutekano basaba utwo baheraniwe. Bavuga ko bitumvikana ingene umukukuruke yova mu kazi aja gusegereza, kandi yari yariziganirije, ivyo bakabivuga bisunze amafaranga y’inticantikize baronswa bamaze kuva mu kazi. Basaba ko botunganirizwa aho kuburabuzwa, Reta ibabaronsa ayo mafaranga arenga imiriyaridi 35 z’amadorari y’amanyamerika baheraniwe.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ataco bafise boshikiriza kuri ico kibazo c’abahoze ari abasirikare. Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi avuga ko abo bakukuruke bamaze kwitwarira Reta y’Uburundi, ubu ikibazo kikaba kiri mu butungane. Baratuza ati, Reta niyayatanga nta kibuza igisirikare c’Uburundi kizoyabashikiriza.

JPEG - 19.6 ko
Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Tubamenyeshe ko abo batawe muri yompi kuri uwu wa mbere harimwo na Karori Katihabwa, arongoye AMINA (Amicale des Militaires en Non Activité). Gushika n’ubu akaba atawuramenya aho bapfungiwe. Amakuru atangwa n’abegereye abo bapfunzwe amenyesha ko boba bapfungiwe muri BSR.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abobakukuruke nabo vyabagoye’ none kwikibazocabo kiri mubutungane vyabagendeyegute gushaka gukora ibinyuranye?

  • Reta yubirundi nimihirimbiri barayivye, muracabaza nugutora imbunda bakaratswa iyo mikoma yishe igihugu.

  • BARIKO BAKORESHWA NAKAKADADA KAMACAKUBIRI KATARABAVAMWO!!!!!!!

  • we ngo uri mama none ubuze nasenge ntiyisenga ga yemwe ???Hari ubutungane bw iki dd murahura???Nimwahura ntuzoba ukiyishigikira ndavyizeye ????

  • ntacomwobona muririmba ngo navuye kubutegetsi reka babakomeshe

  • Umva neza!! 35 000 000 000 USD mu mafaranga y’uburundi ni 55 300 000 000 000 FBU. None ayo mahera afitiwe abasirikare bakukurutse bangahe? Batanga angahe ku kwezi? Yaja he? Bayatanze guhera umwaka uwuhe? Ubu ari he?? Ngivyo ibibazo umuntu yokwibaza kandi vyari bikenewe ko inyishu ziboneka kugira haboneke umuco. Nayo ahandi ho iyi nkuru ntiyatohojwe neza. Bikaboneka ko iyi nkuru ihengamiye cane muri politique.

  • Wewe wiyita NDC bubanza ubaze neza! Ayo mafaranga abasoda bayaheraniwe kuva igisirikare kigitangura kuva ku babirigi gushika ubu! Ajanye n’uturusho bagiye barabima, hamwe n’imishahara yabo yariwe bagahembwa ubusa (solde nk’uko Sinduhije akunze kubivuga). Ama Reta yagiye arakurikirana kuva twikukiye niyo azomenya aho yayabitse, n’ico yayakoresheje! Umuntu wese afise matricule y’igisoda, naho yoba yahamaze deux mois asohotse formation nawe araheraniwe amafaranga. Iyo nkuru rero ntushiremwo politique. Ahubwo aba DD iyo baba bazi ubwenge bogikorerako kuko nibo boriha make, ayandi akabazwa abagiye barakurikirana ku butegetsi imbere yabo. Tugire FNL n’intsinzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.