IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyagihugu batanguye gutora amakarata aranga uwutora

Abanyagihugu batanguye gutora amakarata aranga uwutora

mercredi 9 mai 2018

Igikorwa co gutora amakarata aranga uwutora catanguye kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, kizorangira kuw’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018.

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI wari watanze ayo makarata ku barongoye imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI, kuwa mbare igenekerezo rya 7 Rusama 2018.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, umuvugizi w’umurwi CENI, Prosper NTAHORWAMIYE, yavuze ko abantu 4.768.143 aribo bazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nivyiza nibatore ikiri kumutima

  • Gucivutu abandi sivyiza ariko jewe maze indwiyose nkurikirana ukwo abigisha kuzotora EGO nabigisha kuzotora OYA birabonekaneza ko abigisha kuzotora EGO ivyobavuga birumvikana kurugero rwa 97% abigisha kuzotora OYA ivyobavuga harimwo ivyumvikana birikurugero 01%
    Ibindababwiye muzompinyuze amatora aheze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.