IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa (...)

Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa nshingiro rishasha

mardi 12 juin 2018

Nk’uko biri mu rwandiko rwateweko umukono n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal NYABENDA, hamwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi, Spes Caritas NJEBARIKANUYE, bibutsa ko kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018, huguruwe ibikorwa vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’ukwezi kwa Ruheshi 2018.

Muri urwo rwandiko, umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi, bibutsa kandi ko kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, umukuru w’igihugu yashize umukono kw’ibwirizwa nshingiro risubiramwo iryo kw’igenekerezo rya 18 Rusama 2005, ibisugura ko kuva kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha, inama nshingamateka na nkenguzamateka bavuye mu bikorwa vy’ukwezi kwa Ruheshi, baja ku kwezi kwa nyuma kw’ibikorwa bisanzwe vy’ukwezi kwa Ndamukiza.

Abakuru b’Inama nshingamateka na Nkenguzamateka bamenyesha ko hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha ritegekanya ibikorwa mu biringo bitatu, ica mbere kigatangurana n’umunsi wa mbere w’ibikorwa w’ukwezi kw’umunani, ica kabiri gitangura ku munsi wa mbere w’ibikorwa w’ukwezi kwa cumin a kabiri, ica gatatu kigatangura ku munsi wa mbere w’ibikorwa w’ukwezi kwa kane.

Mwomenya ko Inama nshingamateka na Nkenguzamateka vy’Uburundi ,vyaheruka kwugurura ibikorwa vyayo bisanzwe vy’ukwezi kwa Ruheshi, hari kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018.


IGIHE

Messages

  • Andika hano Amahoro Banyakubahwa Intambe Tugezeko Ninziza Cane Naho Abantu Beshi Bitugora Gushima Twihwdje Iterambere Ririko Rirakogwa Mugihuguc’ Uburundi Ntawogaya Atari Uwugwaye Inzoka. Kugira Ntidusubire Inyuma Imana Imbere Turavye Iyo Twavuye Naho Tugeze Abize Bashakashake Boye Kwama Bapfuye Ubutegetsi ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.