IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro (...)

Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka

mardi 26 juin 2018

Ibirori vyo gushikiriza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.

Abandi bari bitavye ivyo birori ni icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abakozi bakurubakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, abakozi b’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo.

Kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018, niho umurwi CENI washira ahabona ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, mu nyuma sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro iravyemeza.

Umukuru w’igihugu yahavuye arishirako umukono kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, mu ntara ya Gitega, kur ‘uwo munsi, umukuru w’igihugu aca ashikiriza n’ijambo rijanye n’ibwirizwa nshingiro rishasha.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.