IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro (...)

Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro i Arusha

lundi 18 juin 2018

Mu kiganiro umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, kuwa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, yamenyesheje ko gushira umukono ku vyavuye mu biganiro i Arusha vyofasha kugira ntihagire igisubira gusamaza abarundi mugihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze kandi ko, umugambwe arongoye ushimira amashirahamwe n’ibihugu vyateye intege Uburundi mu kwitorera ibwirizwa nshingiro mu matora yabaye kuwa 17 Rusama 2018.

Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira ababishoboye gushigikira Uburundi mu gukomeza intwaro rusangi ku neza y’ishaka ry’abarundi, ugasaba kandi abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzoshikana ku matora yo mu 2020.


IGIHE

Messages

  • Burya ibiganiro vy’i Arusha hari amasezerano vyashitseko ? Ko ibinyamakuru atavyo vyigeze bishikiriza ? Ikindi : ngo hariho ibihugu vyashigikiye irya nkinamico ngo ni amatora yabaye italiki 17 Rusama kandi vyaravuzwe neza ko ata barorerezi bavuye hanze baje ? Ndajorewe ni izina ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.