IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatware basabwa kwubahiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga (...)

Abatware basabwa kwubahiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga imyiyamamazo

lundi 7 mai 2018

Umushingamateka Pierre Célestin NDIKUMANA avuga ko abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bitaba imyiyamamazo, naho hari abaterwa ubwoba, abandi bagahohoterwa gushika naho bapfungwa bagirizwa gusa kuba berekanye ko bazotora OYA mu matora y’ibwirizwa nshingiro.

Uwo mushingamateka yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi mu ntara ya Bujumbura, avuga ko hari n’umurwi wiyitirira Amizero y’Abarundi, kandi ataho wanditswe, uriko uratoba imyiyamamazo y’ Abigenga Amizero y’Abarundi banditswe kandi bazwi n’amategeko.

Pierre Célestin NDIKUMANA asigura ko hari iterabwoba rirenze ririko rikorerwa aberekanye ko bazotora OYA mu matora y’ibwirizwa nshingiro, mu bice bimwe vy’intara ya Bujumbura Rural, gushika naho bicishwa ku materefone ngendanwa, aho hari abarungikirwa ubutumwa ko batoye OYA bazogirirwa nabi.

JPEG - 33.7 ko
Pierre Célestin NDIKUMANA, umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Mizero y’Abarundi

Umushingamateka Pierre Célestin NDIKUMANA agasaba ko hohagarikwa ibikorwa bidahuye n’amategeko bibuza abantu gushikiriza ivyiyumviro vyabo, kuko abarundi bafise uburenganzira bumwe mu gushikiriza aho bahagaze ku kibazo iki canke kiriya mu bihanze igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.