Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abubaka inkombe z’uruzi Ntahangwa basaba kuronswa ibikoresho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Abubaka inkombe z’uruzi Ntahangwa basaba kuronswa ibikoresho

Abubaka inkombe z’uruzi Ntahangwa basaba kuronswa ibikoresho

jeudi 18 janvier 2018

Bamwe mu bakora ivyo bikorwa vyo kwubaka izo nkombe bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE, bamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro batanguye gukora ako kazi, kaba karaheze ariko kubera babura ibikoresho na cane cane amabuye babona kw’ico gikorwa kizohava kimara umwanya munini.

Umwe murabo bakozi atashimye kwivuga izina yavuze ati :“Amagabiyo ariho tubuze amabuye,kuva mu gatondo gushika isaha zine twari tumaze kuronka ibeni imwe y’amabuye, kandi jewe k’umusi nshobora kwubaka ibeni 3 ndumwe,ubu ibeni iriko yubakwa n’abantu 5.

Abo bubaka izo nkombe z’uruzi Ntahangwa bavuga ko iyo babajije uwubajejwe kuvyerekeye ayo mabuye aguma ababwira ko ibikoresho bigiye kuboneka.

Abanyagihugu baba muri ako gace ko muri Kigobe yo mu bumanuko ahariko hakorerwa ivyo bikorwa, bamenyesha ko ata nyishu bariko baratorera iyo ngorane yaho hantu, kuko na bimwe bimaze kwubakwa bimaze kwinjiramwo amazi ku buryo imvura ibaye nyinshi navyo nyene vyorengerwa.

Abo banyagihugu bavuga ko ata cizere bafise ko ivyo bikorwa bigiye kurangira kandi mu minsi iri imbere himirje imvura y’urushana ikunze kwonona aho hantu.

Ibikorwa vyo kwubaka inkombe z’uruzi Ntahangwa mu gace ka Kigobe yo mu bumanuko vyatanguye mu kwezi kwa mukakaro 2017 bikaba vyategekanywa guhera mu kwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2017.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.