IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Gitega : Imvura ivanze n’umuyaba yaguruye amazu ihitana n’inkingi ya Radio (...)

Gitega : Imvura ivanze n’umuyaba yaguruye amazu ihitana n’inkingi ya Radio Star FM

samedi 30 décembre 2017

Amakuru dukesha abarongoye intwaro ku mutumba Ntobwe, amenyesha ko ibisakazo vy’inzu n’imiburiburi umunani, amashuri abiri, n’utuzu twa surwumwe twa kijambere arivyo vyagurutse mu mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuva nk’igihe c’isaha umunani z’umutaga kur’uyu wa gatanu.

NTAKARUTIMANA Ildephonse arongoye umutumba Ntobwe amenyesha kandi ko inkingi ituma amajwi ya Radiyo Star FM isamiranira mu karere ka Nyabugogo ashika kure yavunitsemwo kabiri,umwana umwe nawe yoba yakubiswe n’inkuba arakomereka, ubu akaba ari mu bitaro.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru,umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha inzu zononekaye, muri quartier Nyabisindu, umukobwa w’imyaka 15 akubitwa n’inkuba, amabati y’utuzu twa surwumwe 6 tw’Ishuri ryigisha ubuhinga bwo kurima ITAB ry’i Mweya nayo araguruka.

Umukuru w’umutumba Ntobwe asaba abagiraneza kugarukira ku miryango idafise aho ikika umusaya kubera iyo mvura yaguruye ibisakazo vy’amazu yayo, kuko gushika ubu ata bariko basaba indaro kandi bari basanzwe bafise aho baba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.