IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Anatole RUGERINYANGE:“Ntitwigunganye ubuzima twitange kugira tube (...)

Anatole RUGERINYANGE:“Ntitwigunganye ubuzima twitange kugira tube akarorero.”

Monday 22 October 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije mu misa yo kuruno wa mbere igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2018 aho hibukwa imyaka 25 iheze umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE agandaguwe.

JPEG - 40.9 kb
Icegera ca musenyeri wa diyoseze ya Bujumbura Anatole RUGERINYANGE

Anatole RUGERINYANGE yavuze ko buri muntu asabwa guhinduka ku mutima kugira ubuzima bw’abantu buzamuke ndetse hubakwe Uburundi bushasha bubonekera ku mahoro,k’urukundo,umuvukano hamwe n’ubutunzi.

Anatole RUGERINYANGE yavuze ati:“ Ishaka Mechior NDADAYE yagize ni ryiza,ntiyigunganye ubuzima,yashatse kuzamura buri muntu.”

Inyuma y’imisa, ibirori vyabandanirije ku kibanza citiriwe incungu za demokarasi aho habanje kumvirizwa ubuzima bwaranze umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE inyuma yaho haca hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa ziwe hamwe no ku ntatemwa z’abandi barongozi bagandaguriwe rimwe hamwe no kumviriza ijambo yashikirije atsinze amatora yo mu mwaka w’i 1993.

Ibirori vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,umukuru w’inama nshingamateka,umukuru w’inama nkenguzamateka,umuhuza w’abarundi,abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’imigambwe itandukanye yemewe mu gihugu.

Umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yavutse kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante mu mwaka w’i 1953 ku musozi wa Murama komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro.


IGIHE

Forum posts

  • Mbega i bitangaro? ni gute nta kiyumviro catanzwe kuri iyi nkuru??? Ntivyumvikana?? Eka ndabatangurire, Nsavye ko abishe Ndadaye boja bose imbere y’ubutungane ubu vuba aha, ntibasubire kutubarira ngo niCVR izobikora? Bagomba gukuramwo deux dossiers. Iya Rwagasore na Ndadaye kandi urubanza rukaba ikibirira.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.