IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe

Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe

Monday 12 November 2018, by vianney

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko kwibuka abapfiriye k’urugamba ari ivyerekana urukundo n’ukubabarana babafitiye kandi ari akaryo ko kwihweza aho bavuye,aho bageze naho baja mu bijanye no gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE asaba abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda hamwe no kurwanya ubukene mu kwijukira ibikorwa bibateza imbere.

Inyuma y’imisa yatunganijwe mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye k’urugamba ,haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abarwanyi ziri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.

Bitegekanijwe ko ibirori vy’iyo ndwi yahariwe umurwanyi bizosozerwa kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo umwaka wa 2018 muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • None muncire ku mayange ni umurundi warwanaga nundi murundi bapfaga iki ga yemwe? caraheze se? aha hoho hakwigwa ingeno Abarundi bagandaguranye ntibizosubire naho aba barwanyi ndazi ko ari CNDD FDD barwanaga na abarwanyi ba Leta ya UPRONA . none abarwanyi ba FRODEBU, PARPE hutu canke aba Agathon Rwasa baribukwa. yega yemwe yemwe bashinantahe utsinze urugamba ni we ugezweko.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.