IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo (...)

’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo yacu’’

mardi 8 mai 2018

Mw’ikete umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yandikiye umukuru w’umurwi CENI kuw’Imana igenekerezo rya 6 Rusama 2018, amenyesha ko bamwe mu bajejwe intwaro n’abajejwe umutekano babuza abanyagihugu kwitaba imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Muri iryo kete, umushingamateka Agathon RWASA avuga kandi ko hari akarwi karongowe n’uwitwa Reveriyano NIYIMPA yahoze avugira Yakobo BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi batunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mw’izina ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano ntibagira ico bakora kandi batazwi mu Runani.

Umushingamateka Agathon RWASA yibutsa ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi arongoye, arirwo rwonyene rwiyandikishije mu murwi CENI kugira rugire imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, ahamagarira umukuru w’umurwi CENI n’abajejwe intwaro gukurikiranira hafi abahungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko n’umutekano.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe aho Mperereye nta mu porisi, Nta Musirikare, Nta Muntu Ari Mu Ntwaro arambuza kuja kwumviriza abiyamamaza. Kandi Barabazi Ko Ivyo Bigisha Twavyumvise Ni *oya*. Nibashake Bareke Kwiyamamaza .Twaraciye Ubwenge Tuzotora"ego".

  • VYOBA VYIZA ATAWUHOWE UBUSA BOSE NIBIYAMAMAZE KANDI BAREKE KWINJIRIRA UWUNDI KUKO AMATORA NIBISANZWE AHUBWO NUGUSHIRINGUVU NUBWENGE KUBIKOGWA HARUWURI HANZE UBU YICUZA ICAMUKUYE MUGIHUGU CIWE

  • Nibagombe bacishe ubutumwa bwabo mubavugishwa, twe twahisemwo ko tuzotora OYA. Nibanyarutse bave kungoma ntaco bamariye igihugu. Kuvaho tubatoreye gushikubu turacari abanyuma mubutunzi kwisi yose. reta yamiza amaboko mukirere itakambira ayandi mareta. muratumaramaje nukuri

  • ah ntubesha twebwe turimumahang turicuza umubyey wacu nagiricakor adutahukan mugihug cac

  • Ariko Rwasa arya ibiki ?
    Niyicare atwarwe mubandi kuk bwaranyuranwe ubutegetsi,,
    Haratevye kugera tuze kwemeza mutama
    Mumuve kugikano yihemera
    Abotuzotora #Ego oyeeeeee

  • Agatho Twaramusezereye.Narye Utwanyuma.Ariko Arye Abika,abikira Manda Yinyuma Ya 2020.Kuko Ntavyiyumviro Vyuguruts Atanga.

  • Mutama,urunani,tuzi Ruzotora oya Je,nabonye,imodoka, Iriko,igitambara,canditse,amizero Iva,igitega,isemerera Tora, Ego,vyarahindutse ?Turi,mwibice ?Mutama Dusobanurire

  • Nyakubahw Mutama Wacu Uwomugwi CENI Nudutunganirize Barekekutwivanga Kuk Baratwikuyeko Nibarek Kuduhubishiriza Abanywanyi. Nibaturek Twikombatire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.