IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Hagiye gutanguzwa isekeza ryo gukingira impene indwara y’akaranda

Hagiye gutanguzwa isekeza ryo gukingira impene indwara y’akaranda

jeudi 5 avril 2018

Serges NKURUNZIZA, umuyobozi mukuru w’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko igikorwa co gucandaga impene kizobera mu ntara 12 zigize igihugu.

Umuyobozi mukuru w’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi avuga kandi ko, ico gikorwa kizokorwa mu minsi 22, kikazokorwa n’abakurikirana amagara y’ibitungwa bahawe inyigisho.

Kuva mu kwezi kwa mbere 2018, niho ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwemeje ko habonetse indwara y’akaranda k’impene mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu.

Ubushikiranganji hamwe n’abarongoye intara nka Kayanza, bahavuye bafata ingingo zo gukinga ko iyo ndwara ikwira igihugu cose, harimwo kwugara amasoko y’ibitungwa, guhagarika uruja n’uruza rw’ibitungwa, hamwe no kuragira impene ku misozi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.